Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukinyi rurangiranwa w'isinema Angelina Jolie ari muri Kenya
Umukinyi rurangiranwa w'isinema wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Angelina Jolie ari mu rugendo mu gihugu ca Kenya aho ategekanya gushikiriza ijambo ku mabi yo mu ngwano ashingiye ku gitsina.
Iryo jambo arishikiriza ikoraniro ryatunganijwe n'igisirikare c'Ubwongereza mu kurondera ingene hohagarikwa amabi ashingiye ku gitsina igihe c'ingwano.
Angelina Jolie yahukanye n'abakinyi b'isinema Jonny Lee Miller na Billy Bob Thornton, muri kino gihe akaba aheruka kuvana n'umugabo wiwe wa gatatu, umukinyi w'isinema Brad Pitt, mu kwezi kw'icenda 2016.