Umupolisi w'iki "robot" yatanguye akazi i Dubai

Igipolisi c'i Dubai cerekanye umupolisi wa mbere w'iki "robot", cahaye igikogwa co kugenzura amaduka yo mu gisagara hamwe n'ibibanza bikunze gukwega abakerarugendo.

Abanyagihugu bagiye kugikoresha bakibwira amakosa yakozwe, barihe amande, bagikureko n'ayandi makuru babanje kugifyonda mu gikiriza.

Amakuru ico ki "robot" kizoronka azohererekanwa mu gisata co kwunguruza abantu hamwe no mu gipolisi kijejwe umutekano mu mabarabara.

Ubutegetsi bwipfuza ko igipolisi c'ama "robots" coshika ku bice 25% mu 2030 ugereranije n'igipolisi c'abantu, gurtyo kikazobasubirira burundu.

"Ntitugiye gusubiriza abapolisi bacu na bino bikoresho muri kino gihe," niko Birigadiye Khalid Al Razooqi yavuze.

"Ariko mu gihe abantu biyongera i Dubai, dushaka kwimurira abapolisi mu bibanza bikenewe cane kugira bakomeze umutekano mu gisagara".