"Ibiyovyabwenge" vyoba vyatumye umushoferi ahonyanga abantu i New York

Ahavuye isanamu, Reuters
Amakuru avuga ko umushoferi yinjije imodoka mu bantu bari ku maguru hagati muri New York ku munsi wa kane, yari yafashe ibiyovyabwenge vyinshi.
Itangazamakuru rya Amerika rivuga ko bamutoyemwo ubwoko bwa marijuana buzwi kw'izina rya K2.
Uwo mugabo w'imyaka 26, Richard Rojas, yitezwe kwitaba sentare inyuma yaho ashizweko ivyaha bijanye n'"ubwicanyi bwo ku rugero rwa kabiri, kunyonga imodoka mu ntumbero yo kwica n'imitahe myinshi yo kurondera kwica.
Imodoka yiwe yaciye mu kibanza kigenewe abagenda n'amaguru ca Times Square, yica umuntu umwe, ikomeretsa abarenga 20.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwo mugabo yahora mu gisirikare co mu mazi ca Amerika, yaramaze gufatwa kabiri yanyoye inzoga akagendesha imodoka.
Igipolisi cavuze ko kitemera ko coba ari igitero c'iterabwoba.






