Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu batanu bahitanywe n'igihuhusi muri Madagascar
Ubutegetsi bwa Madagascar bwamenyesheje ko abantu batanu aribo bazwi ko bapfuye, inyuma yaho umuyaga w'igihuhusi urimwo n'imvura utereye mu buraruko bushira ubuseruko bw'iryo zinga ku munsi wa kabiri.
Buvuga ko abantu 10 000 vyabaye ngombwa ko bahunga bagata amazu yabo bitewe n'ivyo ico gihuhusi Enawo cariko kironona.
Ibimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu vyavuze ko n'umuyagankuba watandukiwe mu turere tumwe tumwe.
Ibigo bifasha gutabara vyamaze kuburira abanyagihugu bivuga ko hashobora kuba imyuzure, yoshika no ku murwa mukuru Antananarive.
Ico gihuhusi cungururije mu bumanuko kandi inguvu zaco zagabanutse.
Abagiraneza bariko baratanga imfashanyo zirimwo amahema y'uburaro, amazi hamwe n'ibindi bikoresho vya ngombwa ku bantu bakozweko n'iyo mpanuka.