Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushimusi kabuhariwe muri Afurika yakatiwe ngufungwa imyaka 12
Umwe mu bashimusi kabuhariwe muri Afurika yakatiwe gufungwa imyaka 12 muri Tanzaniya.
Boniface Mathew Maliango yashoboye gucika inshuro nyinshi abashakaga ku muta muri yombi.
Bati iminsi y'umujura ni 40, uwo mugabo wahawe izina ry'irihimbano rya SHETANIi mu giswayire, bivuga SATANI, yafashwe mu kwezi kwa cumi umwaka ushize.
Abafashe SHETANI basanze afite amehembe y'inzovu 118 yari afite agaciro k'amadolari agera ku bihumbi 900.
Hari sinema iherutse gusuhoka ku bucuruzi bw'amahembe y'inzovu yari ishingiye ku nkuru y'uwo SHETANI.
Iyo sinema yateguwe na Leonardo DiCaprio, umukinnyi wa sinema wa Hollywood akaba kandi yita ku kubungabunga ibidukikije.