Ubuhinde buhanzwe n'imyuka yonona ikirere

Icegeranyo giherutse gusohorwa n'ikigo co muri Leta zunze Ubumwe za Amerika -Health Effects Institute, casanze urugero rw'abana bavuka batageze bapfa buri mwaka, rwariyongereye mu Buhinde kubera ikibazo c'imyuka mibi.

Ico kigo kimenyesha ko zimwe muri izo mpfu zitegwa n'udukungungu tuzanana n'impwemu zo mu kirere bita PM2.5, dutera ingwara za Asthma, Bronchite idakira canke ndetse na Cancer yo mu mahaha.

Ibiharuro ngereranyo basanze birenze cane ivyatangajwe n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu OMS mu mwaka uheze.

Ivyo ngo vyaturutse ku buryo bwakoreshejwe mu cigwa batunganije.

Izamuka ry'ubutunzi bw'Ubuhinde ku muvuduko wihuse, aho inguvu zikoreshwa mu mahinguriro n'ahandi usanga zituruka mu gucana ibizuku, riri mu bituma iyo myuka mibi yiyongera ku bwinshi.