Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwahora atwara Ubufaransa Nicolas Sarkozy asabwa kwitaba sentare
Umucamanza w'umufaransa yategetse uwahora arongora igihugu c'Ubufaransa Nicolas Sarkozy kwitaba urubanza asabwa gusigura ingene yakoresheje amahera agenewe kwiyamamaza mu mwaka w'i 2012.
Bwana Sarkozy yagirizwa ko hari amahera yakoresheje yiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu kandi atabirekuriwe n'amategeko.
Amahera imiliyoni 18 euros (imiliyoni $20) niyo akurikiranwako, yoba yaranyegejwe ku ma konte atazwi.
Bwana Sarkozy yarahakanye avuga ko atazi ko yarengeje ayo arekuriwe n'amategeko.
Uwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu ntarekuriwe kurenza imiliyoni 22.5 euros.
Ni yaramuka yagiwe, uwo mukuru w'igihugu c'Ubufaransa wa kera, ashobora gukatigwa igipfungo c'umwaka umwe hamwe n'amande y'i 3750 euros.
Abandi barondegwa iruhande ya Nicolas Sarkozy, ni abategetsi bo mu mugambwe wiwe (ico gihe witwa UMP) bamufasha kwiyamamaza mu 2012 hamwe n'abakozi bo mu ishirahamwe Bygmalion.
Bino bishitse mu gihe hari n'abandi banyepolitike bipfuza kurongora igihugu inyuma y'amatora yimirije mu kwezi kwa kane, bakurikiranwa nabo nyene ku bijanye n'ikoresha ry'amahera.
Francois Fillon ariwe yarushije Bwana Sarkozy mu matora y'ijonjora, yagirizwa gukoresha nabi amahera y'igihugu mu guha akazi umugore n'abana biwe.
Marine Le Pen arongoye "Front National" asabwa gusubiza amahera yagirizwa kuba yararengeje, ariha umukozi yakora ku biro bikuru vy'umugambwe biri mu gisagara ca Paris.