Umukuru wa IS asaba abagwanyi biwe kutava i Mosul

Ahavuye isanamu, "IS" VIDEO
Umuhari wa Islamic State washize ahabona ijwi uvuga ko ari iryo umukuru wawo, Abu Bakr al-Baghdadi.
Mu gihe vyoba ari vyo, bwoba bubaye ubutumwa bwa mbere bwiwe mu kiringo c’umwaka, kandi bwoba buje guhinyuza ibihuha vyavuga ko yapfuye.
Iryo jwi rihamagarira abanye Irak kugwanira igisagara ca Mosul mu gutuza igisirikare ca Irak, kiriko kiragerageza kugikura mu minwe y’abagwanyi.
Ntawuzi aho Baghdadi yinyegeje gushika ubu.
Bamwe mu bategetsi bavuze ko yoba akiri kumwe n’abagwanyi biwe ba IS mu gisagara ca Mosul.

Ahavuye isanamu, AP
Ntawuratohoza neza ko iryo jwi ari irya Baghdadi ubwiwe.
Hagumye hakwiragizwa inkuru ko yapfuye mu myaka iheze, harimwo no mu mwaka uheze aho igisirikare ca Irak cavuga ko cagize igitero ku rukurikirane rw’imodoka yarimwo.
Abasirikare karuhariwe bariko barasugereza ico gisagara, bafashijwe n’ingabo z’aba Kurde Peshmerga, abagwanyi b’aba shiia hamwe n’imiryango y’abarabu b’aba Sunni.
Ku musi wa gatatu, bahumbahumvye mu mabarabara abagwanyi ba IS bari bagisigaye gace ka Kukjali baherutse kwigarurira mu buseruko, imbere yo kubandanya bagana mu gisagara hagati.

Ahavuye isanamu, AP
Amnesty International yavuze ko hari ibimenyetso vyinshi vyemeza ko bamwe mu bagwanyi b’aba sunni bagize ibitero vyo kwihora ku bagabo n’abahungu bo muri ako karere babakeka ko bakorana n’abagwanyi ba IS.










