Irak: Abagwanyi ba IS 'bategerezwa kwishikana'

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa mbere wa Irak yateye akamo abagwanyi ba Islamic State kwishikana, mu gihe ingabo za reta zisugereje gufata igisagara ca Mosoul.
Haider al-Abadi ateye ako kamo ku mboneshakure yambaye impuzu za gisirikare, avuga ko:”Nta kundi bobigira. Barishikana canke barapfa.”
Abasirikare karuhariwe ba Irak ubu bari ku kirometero kimwe uvuye mu museruko bw’igisagara ca Mossoul, bakaba bariko baritegura kucinjiramwo.
Abandi basirikare bariko barasatira ico gisagara baciye mu bumanuko.
Akoresheje irindi zina rya Islamic State, al-Abadi yavuze:”Tugira dutere Daesh mu mpande zose kandi Imana ibishatse tuzoca umutwe iyo nzoka. Nta nzira n’imwe bafise yo gusohoka kandi nta ho baduhungira.”
Abadi ni we mugaba w’ingabo za Irak.
Umumenyeshamakuru wa BBC, Ian Pannell, yagiye ari kumwe n’abajejwe kugwanya iterabwoba, avuga ko IS yari ikigwana mu duce tumwe tumwe ku musi wa mbere.

Ahavuye isanamu, AFP/ IRAQI PRIME MINISTER'S PRESS OFFICE
Yavuze ko imodoka itezwemwo imbombe yatezwe urukurikirane rw’imodoka barimwo.










