Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta y'u Burundi yafashe ingingo yo kuva muri CPI
Leta y'u Burundi uno munsi yafashe ingingo yo kwikura mu masezerano yashinze sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.
Iyo ngingo yafatiwe mu nama y'abashikiranganji yo kuri uno wa kane.
Umuvugizi wa leta y'u Burundi yavuganye na BBC, yemeje ko iyo ngingo yafashwe, ngo hakaba gusa hasigaye ko ishikanwa imbere y'inama nshingamateka ngo iyemeze.
Ibi bibaye mu gihe hari ibihugu vyinshi vyo muri Afrika vyari bitanguye kwihweza kuva muri iyo sentare, eka mbere n'ishirahame ry'ubumwe bwa Afrika akaba ariho rihagaze.
Ivyo bihugu vyagiriza iyo sentare kuba ikoreshwa n'ibihugu vy'ibihangange mu gucira imanza abakuru b'ibihugu vyo muri Afrika.