Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Aba Tanzaniyakazi bagorewe muri Aziya
Abenshi mu banya Tanzaniyakazi bajanywe mu Buhinde bizezwa ubuzi, bakoreshwa nk'abakozi bo mu nzu, ata masezerano, nk'ubo vyatangajwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Tanzania n'amakungu.
Abo banya Tanzaniyakazi bakorerwa amabi menshi harimwo no gukoreshwa ubucakara bufatiye ku gitsina, nk'uko abategetsi b'igihugu cabo bavyemeza.
Abandi ngo bariheba bakaja mu bumalaya kugira barabe ko boramuka kabiri, nk'uko leta ya Tanzania ivyemeza.
Akenshi abo bakenyezi n'abigeme bashitseyo, baca bakwa ivya ngombwa bibaranga harimwo ibitabo vy'inzira, gutyo ntibabashe gutoroka mu gihe bifuje gusubira iwabo.