Aba Tanzaniyakazi bagorewe muri Aziya

Ahavuye isanamu, other
Abenshi mu banya Tanzaniyakazi bajanywe mu Buhinde bizezwa ubuzi, bakoreshwa nk'abakozi bo mu nzu, ata masezerano, nk'ubo vyatangajwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Tanzania n'amakungu.
Abo banya Tanzaniyakazi bakorerwa amabi menshi harimwo no gukoreshwa ubucakara bufatiye ku gitsina, nk'uko abategetsi b'igihugu cabo bavyemeza.

Ahavuye isanamu, other
Abandi ngo bariheba bakaja mu bumalaya kugira barabe ko boramuka kabiri, nk'uko leta ya Tanzania ivyemeza.
Akenshi abo bakenyezi n'abigeme bashitseyo, baca bakwa ivya ngombwa bibaranga harimwo ibitabo vy'inzira, gutyo ntibabashe gutoroka mu gihe bifuje gusubira iwabo.






