CEDEAO/ECOWAS yafatiye ibihano reta ya gisirikare ya Mali

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi b'ibihugu vyo mu karere ka Afrika y'uburengero bafatiye ibihano Mali inyuma y'aho reta ya gisirikare itangarije ko amatora yari ategekanijwe mu kwezi kwa kabiri kuza yungurujwe igihe kirekire.
Abategetsi b'ibihugu bigize ishirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vyo muri ako karere, CEDEAO/ECOWAS, aho bari bakoraniye i Accra muri Ghana ejo ku wa Mungu bumvikanye ko ibihugu vyabo vyugara imbibe bihana na Mali, hamwe no gushira mu ngiro ibihano bitari bike mu bijanye n'ubutunzi.
Abategetsi b'akarere ka Afrika y'uburengero basaba ko ubutegetsi busubizwa mu minwe y'abasivire kuva aho akarwi k'intwazangabo gatembagarije ubutegetsi bwa Perezida Ibrahim Boubacar Keïta inyuma y'imyiyerekano yo kumwiyamiriza mu kwa munani 2020.
Hampande yo kwugara imbibe, CEDEAO kandi yafashe ingingo yo gufata amatungo ya Mali ari mw'ibanki nkuru ihuza ibi bihugu, BCEAO.
Ibi bihugu kandi vyafashe ingingo yo gutahukana ababiserukira muri Mali.
Reta ya gisirikare ya Mali nayo mu kwihora yaciye itangaza ko yugaye imbibe z'ikirere n'iz'ubutaka isangiye n'ibihugu vya CEDEAO/ECOWAS mbere ica itumako abayiserukira muri ivyo bihugu.
Mw'itangazo aba bategetsi ba gisirikare basohoye, bavuze ko biyamiriza "bivuye inyuma" ibi bihano "biteye kubiri n'amategeko" vyafatiwe iki gihugu.
Aba bategetsi ba gisirikare ba Mali ubu bavuga ko amatora ashobora kuba mu myaka itanu iri imbere - ivyo ishirahamwe rihuza akarere ritarota ryemera.
Muri kahise, ibihano vyaragize akamaro, ariko rero mu mwaka uheze, igisirikare casubiye gutembagaza ubutegetsi bwa gisivire, ibihugu vy'akarere bikaba biri mu mageragezwa yo kwerekana ko koko bishobora guhagarara ku ngingo yavyo.











