AU / UA yafatiye ibihano Mali, igisirikare cagenye umushikiranganji wa mbere

Ahavuye isanamu, AFP
Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (AU/UA) ryahagaritse Mali, rinagabisha ko rishobora kuyifatira ibihano inyuma y'aho igisirikare c'ico gihugu gitembagarije ubutegetsi ku ncuro ya kabiri mu mezi icenda gusa.
Iyi ngingo y'Inama ijejwe amahoro n'umutekano muri iryo shirahamwe ihagarika Mali mu bikorwa vyose vyaryo n'inzego ryazo, gushika isubiye mu butegetsi bushingiye kw'ibwirizwa shingiro.
Mw'itangazo ryasohowe ku mugoroba w'ejo ku wa kabiri, iri shirahamwe risaba igisirikare gusubira mu makambi yaco vuba bwango kandi atakirinze gusabwa, kandi muri kazoza kikirinda kwivanga mu vya poritike.
Ku wa mbere w'indwi iheze, igisirikare carahagaritse umukuru w'igihugu Bah N'Daw n'umushikiranganji wa mbere, Moctar Ouane, kibajana kubapfungira mw'ikambi ya gisirikare iri ahitwa Kati, hafi y'umugwa mukuru Bamako.
Iyi ngingo ifashwe inyuma y'aho ku wa Mungu ishirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vyo muri Afrika y'Uburengero (CEDEAO/ECOWAS) na ryo ryari ryahagaritse Mali.
Inyuma y'imisi ine atembagaje ubutegetsi, Colonel Assimi Goita yaremejwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingoro nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza, aho yari yaraye yigenye muri ico kibanza.
Col. Goïta yahavuye agena Choguel Kokalla Maïga nk'umushikiranganji wa mbere mushasha.

Ahavuye isanamu, AFP
Maiga ni we yari arongoye imyiyerekano yo mu umwaka uheze ari nayo yabaye intandaro yo gutembagaza ubutegetsi bwa Ibrahim Boubacar Keïta mu kwezi kw'umunani umwaka uheze.
Uwahora ari umushikiranganji wa mbere Moctar Ouane ari kumwe n'umukuru w'igihugu vyabaye ngombwa ko batanga imihoho.
Col. Goïta yari icegera c'umukuru w'igihugu aherutse gutembagaza yagirije aba bategetsi babiri guhonyanga amasezerano y'ubutegetsi mfatakibanza, inyuma y'aho umukuru w'igihugu ahinduriye reta. igikorwa Col. Goïta avuga ko atagishijweko inama.










