Macron agabisha ko ashobora gukura ingabo za France muri Mali

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa agabisha ko ashobora gukura ingabo muri Mali mu gihe indyane za poritike mu gihugu zotuma imirwi igendera ku vyiyumviro vya Islam isasirwa indava.
Ni inyuma y'aho muri ico gihugu igisirikare gitembagarije intwaro mfatakibanza ku ncuro ya kabiri mu mezi icenda gusa.
Perezida Macron agabisha ko Mali ishobora kuba "iriko ija" mu ntwaro yegamiye cane idini rya Islam.
Ubufaransa bufise abasirikare 5100 mu karere ka Sahel gasanzwe gahanganye bikomeye n'imirwi y'intagondwa yiyitirira idini rya Islam.
Ingabo z'Ubufaransa zisanzwe zifasha ingabo za Mali, Mauritania, Niger, Burkina Faso na TChad mu kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam kuva mu 2013.
Perezida Macron yabwiye ikinyamakuru Jounal du Dimanche ko yabwiye abategetsi b'akarere ko Ubufaransa butazobandanya bushigikiye ibihugu bitagendera ku butegetsi bwa demokarasi, kandi ko Ubufaransa ata ntumbero bufise yo kugumiza ingabo zabwo muri Afrika imyaka idahera.
Mu myaka mirongo, Ubufaransa bwagiye bushigikira gisirikare abategetsi b'ibihugu bwahoze butwara mu gihe c'ubukoloni muri Afrika, akenshi bukarungika ingabo canke indege gutuza imirwi y'inyeshamba zirwanya ubutegetsi bwavyo.

Ahavuye isanamu, AFP
Ni ibiki bibera muri Mali?
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yaremeje uwurongoye umurwi w'abasirikare batembagaje ubutegetsi, Colonel Assimi Goïta, nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza, hari ku wa gatanu, haciye imisi ibiri yitangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza.
Col Goïta avuga ko yatembagaje ubutegetsi bwa Perezida Bah Ndaw n'umushikiranganji wa mbere Minister Moctar Ouane kubera bananiwe mu mabanga yabo bari bajejwe, kandi ko bariko barondera kwonona intwaro mfatakibanza y'ico gihugu.
Iyi ntwazangabo kandi niyo yari irongoye itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Ibrahim Boubacar Keïta ryabaye mu kwa munani umwaka uheze.
Vyitezwe ko uno musi ku wa Mungu abategetsi b'akarere bakoranira mu nama muri Ghana kugira ngo bige ikibazo ca Mali, bikaba vyitezwe ko Col Goïta ayitaba.










