Kenya - Impunzi: Prezida Uhuru Kenyatta yemeje itegeko ryorohereza impunzi mu kubaho

Umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta yashize umukono kw'itegeko rishasha riha uburenganzira impunzi n'abarondera ubuhungiro muri ico gihugu bwo kuja mu mashure no kurondera uburyo bwo kwibeshaho mu buzima bwa minsi yose.

Iryo tegeko rije hasigaye amezi atandadu gusa ngo hashirwe mu ngiro umugambi wa reta ya Kenya wo kwugara amakambi y'impunzi ahaye indaro impunzi zishika hafi 500.000.

Kenya yidoga ko ayo makambi yakoreshejwe nk'urubuga rwo gutegura abaja mu mihari y'iterabwoba yagirizwa kugaba ibitero bimaze guhitana abantu benshi muri iki gihugu.

Kenya yari imaze imyaka itumvikana n'ishami rya ONU riraba impunzi HCR ku migambi y'ico gihugu yo kwugara amakambi ya Dadaab na Kakuma agwiriyemwo na cane cane Abanya-Somalia n'abanya-Sudan.

Kenya irahaye indaro n'impunzi zituruka mu bihugu vy'u Burundi, u Rwanda na Repuburika ya Demokrasi ya Congo. Abarundi bashika ku 15.000, Abanyarwanda nabo 600.

Ariko iryo tegeko rishasha riha impunzi akaryo ko kubaho nk'abanyagihugu basanzwe kuko zigiye kuronswa impapuro zo gushobora kuja mu mashure no gusaba ubuzi.

Mu kwezi kwa Nyakanga/Nzeri (kw'icenda), umukuru w'igihugu yari yanse integuro y'itegeko ryarondera gutegeka reta guha uburaro n'ibindi vya nkenerwa vy'imibereho impunzi mu bigo bidasanzwe vyobakira vy'imfatakibanza.

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko iryo tegeko rishasha rishobora gutuma muri Kenya hisuka izindi mpunzi nyinshi cane cane zivuye muri Ethiopia aho reta imaze umwaka mu ntambara n'abagwanyi ba TPLF, umugambwe wahora utwara intara ya Tigray yo mu buraruko bw'ico gihugu, ukaba wari unakomeye muri reta yahahora.