Burundi-HCR : 'Amakungu ashigikiye igikorwa co gutahukana impunzi' - Filippo Grandi

Umukuru w'ishami rya ONU riraba impunzi Filippo Grandi avuga ko mu gihe akunze guhura n'ibibazo vyihuta vy'abahunga ibihugu vyabo, mu Burundi ho yasanze abataha kuko ''hari amahoro''.

Bavuye ku mupaka w'Uburundi n'Urwanda wa Gasenyi/Nemba aho yajabukiye avuye mu Rwanda ku wa kabiri, Filippo Grandi n'abategetsi b'Uburundi bamwakiriye baciye baja Musasa muri Ngozi. Aho hari ikambi irimwo impunzi z'abanyekongo barenga ibihumbi umunani.

Bagiye na Kinazi mu ntara ya Muyinga, ahari ikambi abarundi bahungutse bamaramwo igihe c'iminsi itatu imbere y'uko basubizwa mu ntara n'amakomine baturukamwo.

Nihano hashikiye abarundi barenga 150 baje bazananye n'uwo mutegetsi wa HCR bahungutse bava mu Rwanda. Muri ico gihugu haracabarizwa impunzi z'abarundi zirenga ibihumbi 50.

Abatari bake muri bo bivugwa ko muri iyi minsi biyandikishije ku bwinshi kugirango batahe mu gihe bugarijwe n'inzara kubera imfashanyo yo kubaho yagabanuwe gushika ku 60%.

Umukuru wa HCR Filippo Grandi yamenyesheje ko amakungu ashigikiye uwo mugambi wo gutahuka. Ijambo ritegerezwa kuba ryakiriwe neza na reta y'Uburundi hari igihe yigeze kwagiriza HCR ko itorohereza abarundi bashaka gutaha.

Filippo Grandi yagize ati: "Akenshi nkuze guhura n'abari mu bibazo vy'abakeneye ubutabazi bwihuta... ni gake nsanga aho abantu bahunguka kuko mu gihugu cabo hari amahoro.

''Ndabakeje rero kuri iyo ngingo mwafashe yo guhunguka…. Ndi ngaha mu Burundi kandi kugira mbwire reta y'iki gihugu ko amakungu ashigikiye igikorwa co gutahukana impunzi."

Umushikiranganji w'Uburundi ashinzwe umutekano n'intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca yakiriye uwo mutegetsi wa HCR, yahaye ikaze abari bahungutse n'abandi bose bari mu nzira baza. Abasaba gufaha urugamba rumwe gusa avuga ko Uburundi busigaranye, urugamba rw'ubukene.

Yavuze ko ashaka kubashimira ko bumvise akamo k'umukuru w'Uburundi ''aho asaba y'uko abarundi n'abarundikazi bose bahunze igihugu kuza gufasha bene wabo kugira tuje muri rwa rugamba rumwe dusigaranye rw'ubukene.

''Urugamba dusigaranye muri iki gihugu, ni urugamba rumwe gusa, n'urugamba rw'ubukene".

Uburundi buracafise mu Rwanda, muri Tanzania, Congo na Uganda abarundi hafi ibihumbi 300 bahungiyeyo.

Abahinga ba ONU n'imiryango iharanira agateka ka zina muntu mu minsi bagirije reta za Tanzania n'Uburundi kubangamira agateka k'impunzi muri Tanzania mu bikorwa birimwo kuzinyuruza, kizifunga no kuzitahukana mu Burundi ku gahato canke mu buryo bunyuranye n'amategeko.

Uburundi nabwo burahaye indaro impunzi zishika ibihumbi 80 zigwiriyemwo cane cane abanyekongo, ku bw'ibiharuro bitangwa na HCR.