Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - Ubucamanza: "Ndiko ndarira kw'izina ry'abenegihugu"
"Aha nta kigongwe munyumvira ndiko ndarira imbere yanyu?" Ayo n'amwe mu majambo akomeye umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yavugiye imbere y'abacamanza mu nama yabakoranirijemwo i Bujumbura.
Prezida Ndayishimiye yababwiye ko ku munsi ku munsi yakira ibirego birenga igihumbi vy'abanyagihugu baza kumubwira ko batatunganirijwe neza n'ubucamanza.
Umuhuza w'Uburundi bari kumwe muri iyo nama yavuze ko ibice 70% vy'abanyagihugu bamwitura ari abazanwa n'uko imanza zabo zicibwa ntizikurikizwe canke zigakurikizwa nabi.
Edouard Nduwimana yavuze kandi ko mu matohoza urwego rwiwe rwakoze ariko rutarasohorera icegeranyo, abarundi bashika ibice 82% badashima ingene ubucamanza bukora.
Umukuru w'igihugu Ndayishimiye yabwiye abacamanza ko abanyagihugu "batarira busema".
Nk'umucamanza kizigenza, Prezida Ndayishimiye yavuze ko yakoranije inama nkuru y'ubucamanza kugira bige ingene bokura mu nzira imanza zose zimaze imyaka myinshi zidaciwe canke zidakurikijwe.
Yavuze ko abajije ingene zingana bamubwiye ko hari izishika ibihumbi 20 gusa, ariko atohoje neza asanga zirenga ibihunbi 200.
Wumva ko mw'ijwi asa koko n'uwushaka kurira, umukuru w'Uburundi yabwiye abacamanza ati: "Jewe narashitse ku rwego numva ko nopfuma nja mw'isoko nkariiiira bose bakambona, mpejeje ngataha."
"Kubona abarundi bantora ngo ndabarongore, ngasanga ata komine n'imwe itabuze n'imiburiburi abantu 50 bariko bararira, barizwa n'ubutungane ...bose bakarira, none ico gihugu guhera ku mukuru w'igihugu arira ...ico gihugu ni ica hehe ...ico gihugu citwa ngw'iki?"
Nta banyamahanga bakizana imitahe yabo
Umukuru w'Uburundi yavuze ko mu birego aronka abanyagihugu bamubwira ko badatunganirizwa n'abacamanza batabanje kubaha ibiturire.
Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko `n'ubwicanyi bukorwa mu gihugu buterwa n'abacamanza kuko "ahatagira umucamanza, abenegihugu baca bicira urubanza".
Yavuze ko ata banyamahanga bakiza gukorera imigambi mu Burundi kuko abacamanza baca baja inama ingene babarira amafaranga yabo kuko badaheza ngo baronke "aho baburana".
"Bose barahevye kuza. Ahantu hatagira ubutungane hoza umunyamahanga gute kuzana imitahe yiwe? Yibwa ntaronke uwumuburanira?"
Amajambo yashikirijwe n'umukuru w'igihugu aje guha intege amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n'ubundi burenganzira akunda gutanga ivyegeranyo bivuga ko ubucamanza bwo mu Burundi bwamunzwe n'ibiturire.
Bene ivyo vyegeranyo kenshi reta ntivyemera.
Ariko ubu Prezida Ndayishimiye yavuze ati : "Bazovuga ko Uburundi budakingira agateka ka zina muntu. Si kizima babona ko shefu wewe ariko arira nk'uko barira".