Niger: Mahamadou Issoufou yahawe agashimwe ka miriyoni 5 z'ama dolari

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Niger, Mahamadou Issoufou yatangajwe ko yatsindiye agashimwe ka miriyoni 5 z'ama dolari k'uburongozi muri Africa gatangwa n'ikigo ca Mo Ibrahim Foundation.
Issoufou yari atwaye ibiringo bibiri vy'umukuru w'igihugu kuva mu 2011 gushika 2020. Agiye gusubirirwa n'uwahoze ari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati , Mohamed Bazoum, aherutse gutinda amatora y'umukuru w'igihugu mu kwezi guheze.
Abagize inama ihitamwo uwuronka ako gashimwe bashimagije uburongozi bw'umukuru wa Niger yabaye umukuru w'igihugu kiri mu vya mbere bikenye cane kw'isi.
Bavuze ko "yatumye ubutunzi buzamuka,agendera ishaka ryo kurondera itekane ry'akarere n'ukwubaha ibwirizwa nshingiro, yongera ateza imbere demokrasi."
Issoufou abaye ugira gatandatu aronse agashimwe ka Ibrahim.
Yanditse kuri twitter ko ako gashimwe gateye iteka abanya-Niger bose.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Yongeyeko ati: "Mfata aka gashimwe nk'ako gutera intege kugira nkomeze kwiyumvira no gukora mu nzira ziteza imbere ivyiza vya demokrasi n'intwaro nziza, atari muri Niger gusa, ahubwo muri Africa yose no kw'isi".
Abandi bari bamaze gutsindira ako gashimwe ni ababaye abakuru b'ibihugu Ellen Johnson Sirleaf wo muri Liberia (2017), Hifikepunye Pohamba wa Namibia (2014), Pedro Pires wa Cape Vert (2011), Festus Mogae wa Botswana (2008) na Joaquim Chissano wa Mozambique (2007).
Agashimwe Mo Ibrahim kavutse gute?
Mohammed "Mo" Ibrahim yavutse itariki 3 Ukwezi kwa gatanu mu 1946. Ni umugwizatunga aturuka muri Sudani ariko afise ubwenegihugu bw'Ubwongereza, atunze imiliyardi z'amadolari, nkuko amakuru ya Wikipedia avuga.
Yakoreye amashirahamwe menshi y'itumanako imbere yuko atanguza Celtel, yagiye kugurisha rifise abanywanyi imiliyoni 24 mu bihugu 14 vya Afrika.
Amaze kugurisha Celtel mu 2005 ku miliyardi $3.4, yaciye ashinga ikigo Mo Ibrahim Foundation kugira ngo ahimirize abategetsi ba Afrika ku ntwaro ibereye.
Kuva ico kigo gitangujwe ako gashimwe kamaze gutsindigwa incuro zitanu gusa.
Ingene agashimwe ka Mo Ibrahim kagiye karatangwa:
2007: Uwigeze kurongora Mozambique Joaquim Chissano
2008: Uwigeze kurongora Botswana Festus Mogae
2009: Nta wagatsindiye
2010: Nta wagatsindiye
2011: Uwahora arongora Cape Verde Pedro Verona Pires
2012:Nta wagatsindiye
2013: Nta wagatsindiye
2014: Uwahora arongora Namibie Hifikipunye Pohamba
2015: Nta wagatsindiye
2016:Nta wagatsindiye
2018: Ellen Johnson Sirleaf yabaye umukuru wa Liberia










