Ellen Johnson Sirleaf yatsindiye agashimwe ka Mo Ibrahim

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Uwigeze kurongora igihugu ca Liberia, Ellen Johnson Sirleaf, yatsindiye agashimwe k'imiliyoni $5 ka Mo Ibrahim k'umurongozi mwiza muri Afrika.
Mrs Sirleaf yasezereye ubutegetsi mu kwezi guheze, yabaye umugore wa mbere w'umunyafrika atowe kuba umukuru w'igihugu mu 2006.
Yarakejwe ku vyo yaranguye mu gusanura igihugu, inyuma y'ingwano hamwe no gufata iya mbere mu kunywanisha abanyagihugu.
Umugwi ugena uwohabwa agashimwe, wemera ko igihe Madamu Sirleaf yagirizwa kudahana abarya ibiturire n'abanyuruza itunga ry'igihugu, ko yashoboye kuvyitamwo kandi hari mu bihe bigoye.
Iciyongera kuri ivyo, nuko Liberia arico gihugu conyene ku bihugu 54 vya Afrika, cakoze neza mu bisata bitandukanye ikigo Mo Ibrahim cisunga mu gutanga agashimwe ku ntwaro ibereye.
Madamu Sirleaf yarongoye igihugu ka Prezida ku biringo bibiri, ariko akaba atashobora gusubira kwitoza mu matora aheruka yatsinzwe n'umukinyi rurangiranwa wa kera George Weah.
Umugambwe wiwe waramwirukanye, uvuga ko yashigikiye Bwana Weah hagufata mu mugongo uwo mu mugambwe wiwe.
Ico azibukigwako ka prezida wa mbere w'umugore
Abaye uwa gatanu atsindiye ako gashimwe kuva mu 2007, gahabwa abategetsi ba Afrika batwaye neza, bakazamura ubuzima bw'abanyagihugu munyuma bagakinjura.
Izo miliyoni $5 zizotangwa ku mice mu myaka 10, zongegweko $200000 ku mwaka.
Ako gashimwe ntigatangwa imyaka yose. Karabuze umutegetsi agatsindira ku bihe bitandatu.

Ahavuye isanamu, AFP
Agashimwe Mo Ibrahim kavutse gute?
Mohammed "Mo" Ibrahim yavutse itariki 3 Ukwezi kwa gatanu mu 1946. Ni umugwizatunga aturuka muri Sudani ariko afise ubwenegihugu bw'Ubwongereza, atunze imiliyardi z'amadolari, nkuko amakuru ya Wikipedia avuga.
Yakoreye amashirahamwe menshi y'itumanako imbere yuko atanguza Celtel, yagiye kugurisha rifise abanywanyi imiliyoni 24 mu bihugu 14 vya Afrika.
Amaze kugurisha Celtel mu 2005 ku miliyardi $3.4, yaciye ashinga ikigo Mo Ibrahim Foundation kugira ngo ahimirize abategetsi ba Afrika ku ntwaro ibereye.
Kuva ico kigo gitangujwe ako gashimwe kamaze gutsindigwa incuro zitanu gusa.
Ingene agashimwe ka Mo Ibrahim kagiye karatangwa:
2007: Uwigeze kurongora Mozambique Joaquim Chissano
2008: Uwigeze kurongora Botswana Festus Mogae
2009: Nta wagatsindiye
2010: Nta wagatsindiye
2011: Uwahora arongora Cape Verde Pedro Verona Pires
2012:Nta wagatsindiye
2013: Nta wagatsindiye
2014: Uwahora arongora Namibie Hifikipunye Pohamba
2015: Nta wagatsindiye
2016:Nta wagatsindiye










