Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bobi Wine:'Dupfunganywe mu rugo n'umwana muto cane'
Bobi Wine avuga ko abajejwe umutekano bakikuje urugo rwiwe bankiye se w'umwana w'amezi 18, yari yazanywe kubaramutsa imbere y'amatora, kwijira ngo arabe umwana wiwe.
Abasirikare bakikuje urugo rwiwe bavuga ko ashobora guteza imigumuko hamwe yoramuka agiye hanze akabonana n'abamushigikiye.
Avuga ko amata n'ivyo kurya vyabaheranye.
Ku bijanye n'iryo 'pfungwa' rya Bobi Wine, umuvugizi wa reta ya Uganda, Ofwondo Opondo, yagirije Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugerageza "guhungabanya amatora", nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Uwuhagarariye Amerika muri Uganda, Natalie Brown, ku wa mbere yabujijwe kuja kuraba uwutavuga rumwe na reta, Robert Kyagukanyi azwi cane nka Bobi Wine, i muhira iwe ku murwa mukuru Kampala.
"Ivyo yagerageje gukora n'ukwivanga mu buryo bweruye mu bibazo vy'imbere muri Uganda, na cane cane amatora, guhungabanya amatora yacu n'ishaka ry'abanyagihugu," nk'uko Opondo yabibwiye Reuters.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika ku wa mbere bwasavye ko hoba "amatohoza akwiye, yigenga, yizewe kandi ataho ahengamiye" ku "vyegeranyo vyinshi kandi vyizewe" vy'amahinyu yaranze amatora rusangi aherutse kuba muri Uganda.
Prezida Yoweri Museveni asanzwe amaze imyaka hafi 35 atwara Uganda niwe yatangajwe ko yatsinze ayo matora. Agiye gutwara ico gihugu ikiringo kigira gatandatu. Ahakana ko ata tunenge twabaye muri ayo matora.
Bobi Wine atavuga rumwe n'ubutegetsi yaje ubwa kabiri mu majwi, yiyamirije ivyavuye muri ayo matora "n'agasuzuguro bikwiranye".
Itangazo ryo mu buserukizi bwa Amerika rivuga ko urugendo rwa ambasaderi Natalie Brown kwari ukuja kuraba uko '"amagara n'umutekano vya Kyagulanyi vyifashe, bivanye n'uko amaze igihe adashobora kuva i muhira aho abajejwe umutekano bakikuje urugo rwiwe".
Bobi Wine avuga ko n'ubu urugo rwiwe rugikikujwe n'abajejwe umutekano, akaba atemerewe gusohoka.
Iryo tangazo rikomeza rivuga ko ambasaderi asanzwe "abonana n'abafise uruhara muri poritike muri Uganda" mu ntumbero y'inshingano z'ibikorwa vy'abaserukira ibihugu.
Ubuserukizi bwa Amerika bwagize buti:
"Dusavye reta ya Uganda kwubahiriza uburenganzira n'ubwigengenge bw'abanyagihugu bayo, harimwo ukwishira no kwizana mu gushikiriza ico biyumvira, mu kugira amanama no gushikiriza amakuru nk'uko biri mw'ibwirizwa nshingiro rya Uganda".
Amatora rusangi yabaye muri Uganda ku wa kane uheze. Ikibanza c'umukuru w'igihugu cahiganirwa n'abantu 11 harimwo uwusanzwe atwara ico gihugu Yoweri Museveni w'imyaka 76.
Uwukomeye cane mu bo bahiganwa yari Robert Kyagulanyi, umuririmvyi akaba n'umunyeporitike w'imyaka 38.
Buca haba amatora, internet n'imbuga hwaniro vyarahagaritswe haca iminsi ine bicugaye. Mu gihe c'imyiyamamazo habaye intureka n'ubwicanyi bwatose cane cane abatavuga rumwe na reta.