South Africa yizeye kuronka incanco z'umugera wa coronavirus mu kwezi kuza

Africa y'Epfo yizigiye kuronka incanco za Covid-19 mu kwezi kuza, ariko ivyo biterwa 'uko ibiganiro n'ibigo bizikora bizoba vyagenze neza, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu.

Reta ifise ihangiro ryo guha urucanco nibura 67 kw'ijana y'abanyagihugu bose-n'ukuvuga abarenga hafi miliyoni 40.3-gushika mu mpera z'uyu mwaka kugira haboneke ubudahangarwa kuri iyo ndwara.

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu Zweli Mkhize yavuze ko gushika bamaze kuronka incanco zikwiye kugira bakingire 10 kw'ijana vy'abanyagihugu.

Yavugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku wa mungu ko gutangura gutanga izo ncanco bitegerezswa ''gukorwa mu buryo bwihuta''.

Yanavuze kandi ko reta iriko iravugana n'ibigo vyose bikora izo ncanco hamwe n'ivyemera guzitanga vuba kuruta ibindi.

Africa y'Epfo cabaye igihugu ca mbere co muri Africa cashikanye abamaze kwandura umugera wa Covid-19 barenga umuliyoni.

Mu minsi iheze muri ico gihugu haratowe ishami ry'uwo mugera rinyaruka kwandukira gusumba, vyibazwa ko arico catumye igitigiri c'abandura ciyongera.

Ubu Africa y'Epfo yemeza abantu 1.100.748 bamaze kwandura umugera wa Covid-19, abashika 29.577 bamaze gupfa n'abakize 903.679 kuva ico kiza cadutse mu kwezi kwa gagatu guheze.