Abanduye coronavirus muri Afrika y’Epfo barenze igice c’umuliyoni

Abantu barenga igice c'umuliyoni nibo bamaze kumenyekana k banduye wa mugera coronavirus muri Afrika y'Epfo, nk'uko umushikiranganji w'amagara y'abantu w'ico gihugu abivuga.

Zwelini Mkhize amenyesha ko ejo ku wa gatandatu abantu bashasha10.107 ari banduye, igitigiri cashikanye abantu 503.290 bamaze kwandura, nayo 8.153 bakaba bamaze guhitanwa nawo.

Afrika y'Epfo nico gihugu ca mbere gisinzikajwe n'uwu mugera muri Afrika yose, igice c'abamaze kwandura ku mugabane wose bakaba ari abo muri ico gihugu.

Kw'isi yose kigira gatanu mu bihugu bifise abarwayi benshi b'iyo ndwara inyuma ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Brezili, Uburusiya hamwe n'Ubuhindi.

Abihweza ibintu n'ibindi babona ko ibitigiri vy'abahitanywe n'uwu mugera bishobora kuba birengeye kure ibitangazwa.

Abajejwe amagara y'abantu muri Afrika y'Epfo bagabisha ko ibitigiri vy'abandura bigenda vyiyongera ku murindi uteye ubbwoba, abenshi muri bo bakaba baba ku mugwa mukuru Pretoria.

Ica gatatu c'abamaze kwandura bose hamwe bari mu ntara ya Gauteng, intara bukiriro bw'ubutunzi bwa Afrika y'Epfo, ikaba ari nayo ntara yabaye iyinjiriro ry'uwo mugera mu gihugu cose.

Hagati aho, hari icizere ko ibiharuro bishobora kutaduga ku rugero runini mu kwezi kuri imbere.

Leta ya Afrika y'Epfo yarafashe ingingo ruhasha za guma mu rugo mu kwa kane n'ukwa gatanu, ivyatumye umurindi w'ikwirakwira ugabanuka.

Mu kwa gatandatu, yaciye itangura gutezura izo ngingo, ariko mu kwezi guheze hari izasubiye gushirwa mu ngiro, harimwo niyo kubuza kudandaza inzoga, kubera ibitigiri vyasubiye gufata umurindi udasanzwe.

Harafashwe kandi n'ingingo zisa n'izo igihugu kiri mu ntambara, zikazobandanya gushika ku wa 15 z'uku kw'umunani.

Ubwinshi bw'abandura bwatumye ibitaro vya Afrika y'Epfo birengerwa.

Perezida Cyril Ramaphosa w'ico gihugu mu kwezi guheze yatangaje ko ibitaro vyaronkejwe ibitanda 28.000 kugira bishobore kwakira abandura Covid-19, ariko ico gihugu kikaba kigihanganye n'ikibazo c'ikena ry'abaganga n'abaforoma.

Mu ndwi iheze, ishami ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, ryaragabishije ko ibiriko biba muri Afrika y'Epfo bishobora kuba biriko vyerekana ibishobora gushika mu bindi bice vy'umugabane wa Afrika.