Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
South Africa: Mu rusengero umukiristu yarashe yica abasuma bitwaje inkoho
Igipolisi co muri Afrika y'Epfo kiriko kirakora amatohoza kw'iyicwa ry'abantu babiri bivugwa ko bari abasuma bitwaje imbunda mu rusengero rwo mu gisagara ca Centurion mu Ntara ya Gauteng, nk'uko bitangazwa n'ibimenyeshamakuru vyaho.
Aya makuru avuga ko ku munsi wa Mungu abantu batatu bitwaje inkoho bateye mu rusengero rwa Querentia Ministry muri Wierdapark maze baca batangura kwambura abariko barasenga.
Umwe mu bariko barasenga yitwa Pieter van der Westhuizen, asanzwe afise uburenganzira bwo gutunga no gutemberana inkoho, yashoboye kwica babiri muri abo bagabo mu gihe uwundi yashoboye gutoroka.
Ikinyamakuru News24 kivuga ko Bwana Der Westhuizen ari mwenewabo na nyakwigendera w'umukinnyi w'ikipe y'igihugu ya Rugby azwi cane witwa Joost van der Westhuizen.
Mu majambo yiwe yasubiwemwo n'iradiyo yigenga, JacrandaFM, umuvugizi w'igipolisi ca Gauteng, Mathapelo Peters, yavuze ati: "Hari itangazo twaronse ry'uwo mukiristu avuga ko yarashe abo bikekwa ko bari abasuma kandi rizoshikirizwa abarongoye inzego z'ubucamanza".
Ayo makuru avuga ko umupasitori w'urwo rusengero yakomeretse buke kandi akaba yaciye avurirwa aho nyene.