Ikompanyi y'amatelefone ngendanwa Huawei yatangaje ubuhinga bwayo bushasha bwa HarmonyOS

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikompanyi Huawei ikora amatelefone ngendanwa yatangaje ko iriko irakora ubuhinga bwayo bw'itumatumanako (Système d'exploitation) bwitwa HarmonyOS buzosubirira Android.
Hari haciye igihe bivugwa ko iyo kompanyi yariko itegura gusubiriza ubuhinga bwa Android bukoreshwa mw'itumatumanako mu matelefone ngendanwa yayo.
Mu mwezi kwa gatanu, Google yarabujije Huawei gukoresha Android, inyuma y'aho ubutegetsi bwa Amerika bushiriye Huawei ku rutonde rw'amakompanyi abujijwe gukoresha ubuhinga bwa Amerika.
Atangaza uwo mugambi i Dongguan mu Bushinwa, Richard Yu, umukuru wa Huawei yavuze ati: "HarmonyOS iratandukanye rwose na Android hamwe na iOS".
Iyo kompanyi ivuga ko ubwo buhinga mu ntango buzobanza gukoreshwa mu Bushinwa, imbere y'uko babukwiragiza kw'isi yose.
Huawei ivuga ko ubwo buhinga buzokoreshwa kuri gusa kugira ngo amakompanyi ayo ari yo yose akora amatelefone ashobore kubuhingura kugira abukoreshe uko ashatse bivanye n'ubwoko bwa telefone.
Mu gihe yariko yerekana ingene ubwo buhinga buzokora, Richard Yu yerekanye ko ari ubuhinga butazokoreshwa ku ma telephone gusa, ko ahubwo buzokoreshwa no mu masaha, mu mamodokari no mu ma televiziyo.
Inzobere mu vy'ubuhinga bwa none Ben Wood avuga ko iyo ngingo ya Huawei yari "ngombwa".
Yongerako ariko y'uko : "Gusubiriza canke gukuraho burundu Android ari igikorwa kitoroshe".
Mu Bushinwa, ubwo buhinga bwa none bushasha buzokwitwa HongmengOS.










