Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwuserukira Ubwongereza muri Amerika 'arashigikiwe n’umushikiranganji wa mbere' n'aho Trump amunegura
Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza bivuga ko uwuserukira ico gihugu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika "ashigikiwe rwose" n'umushikiranganji wa mbere, n'aho Donald Trump avuga ko atazosubira gukorana nawe.
Prezida Trump yariko yishura ku butumwa bw'ibanga bwa email bwagiye ahabona, buvuga ko Sir Kim Darroch yanditse ko ubutegetsi bwa Bwana Trump ataco bushoboye.
Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza bimenyesha ko kubona ubwo butumwa bwarabacorotse "bibabaje", ariko ko Amerika n'Ubwongereza bigifitaniye imigenderanire "idasanzwe kandi ikomeye".
Umuvugizi w'ivyo biro avuga ati: "Twarabwiye Amerika ko bibabaje kubona harabaye kumena ibanga. Ibivugwa muri ubwo butumwa ntibijanye n'ubucuti dufitaniye".
"Ubwongereza bufitaniye imigenderanire idasanzwe kandi ikomeye na Amerika ishingiye kuri vyinshi dusangiye kuva muri kahise kacu kandi niko bizokwama".
Ubwo butumwa bw'ibanga bwa email bwanditswe n'uwuserukira Ubwongereza muri Amerika bushikira ikinyamakuru Daily Mail co mu Bwongereza hirya y'ejo ku wa Mungu.
Muri bwo, Sir Kim yanegura Bwana Trump n'ubutegetsi bwiwe, avuga ko abagize ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika (Maison Blanche) ku butegetsi bwa Trump "ataco bashoboye".
Sir Kim, yabaye umuserukizi w'Ubwongereza muri Amerika mu kwa mbere kwa 2016, umwaka umwe imbere y'uko Bwana Trump ashikira ubutegetsi, yibajije niba ubutegetsi bwiwe "hazoshika aho bwerekana ko bushoboye".
Ubwo butumwa ni ubwo kuva mu mwaka wa 2017, bukaba buvuga ko amakuru "y'ukutumvikana n'uruhagarara" muri Maison Blanche "nka yose yari ay'ukuri", kandi ko ingingo zifatwa ku bibazo bikomeye nk'ikibazo ca Irani "zitumvikanwako kandi ko ziteje uruhagarara".
Ku munsi wa Mungu, Prezida Trump yarishuye avuga ati: "Ntidushima cane rwose urya muntu, kandi yarakoreye nabi Ubwongereza".
Ejo ku wa mbere, yarongereje agacanwa aciye ku ruguba rwa Twitter, aho yanifatiye mu gahanga umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May, anegura ingene yafashe ikibazo kijanye no kuva mu muryango w'ibihugu bya Bulaya kw'Ubwongereza, kuzwi nka Brexit.
Yanditse ati: "Raba ingene we n'uwumuserukira bateye uruhagarara".
"Uyo muserukizi w'Ubwongereza sindamuzi ariko ntakundwa kandi ntabonwa neza muri Amerika".
Yavuze ko ashima ko Ubwongereza mu minsi iza buzoba buramutswa umushikiranganji wa mbere mushasha.
Ibiro vy'imigenderanire vya Amerika ntivyashimye kugira ico bishikirije ku vyavuzwe na Bwana Trump. Hagati aho, uyo muserukizi w'Ubwongereza yarakuwe ku rutonde rw'abashitsi bari batumiwe mu birori vyo gusangirira hamwe n'umuyobozi wa Qatar muri Maison Blanche.
Mu gihe Bwana Trump abandanya atera igitsure leta y'Ubwongereza, igipolisi c'iki gihugu casabwe gutangura amatohoza kugira bameye ingene ayo mabanga yasohotse.