Trump aranegura uwuserukira Ubwongereza ku butumwa bw'ibanga bwagiye ahabona

Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aranegura uwuserukira Ubwongereza muri ico gihugu yavuze mu butumwa bwa email ko ubutegetsi bwiwe "ataco bushoboye".

Bwana Trump avuga ati: "Jewe nokubwira ko uwuserukira Ubwongereza atakoreye igihugu ciwe neza".

Ubwo butumwa bwa Sir Kim Darroch yanditse kuri email bwavuga ko abagize ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika (Maison Blanche) kuri Trump "ataco bashoboye" kandi ko "batumvikana".

Umunyamabanga ajejwe ubudandaji, Liam Fox, yabwiye BBC ko kubona ubwo butumwa bumenyekana ari "ubumenyi buke, ingeso y'ukumena amabanga y'akazi kandi ari ukudakunda igihugu".

Yavuze ko uwo ari we wese yashize ahabona izo emails yari afise "intumbero mbi" y'ugusambura imigenderanire mu vyo umutekano hagati ya Amerika n'Ubwongereza.

Yavuze ati: " Ndizeye ko mu gihe twomenya uwabikoze, twokoresha inguvu zose tukamushira ku murongo, bibaye ngombwa n'amategeko akajamwo".

Ubunyamabanga bujejwe imigenderanire buriko burakora amatohoza kugira bumenye ingene ubwo butumwa bwashikiriye ikinyamakuru Daily Mail co mu Bwongereza ejo ku wa Mungu.

Ku ruhande rwiwe, Bwana Trump yabwiye abanyamakuru i New Jersey ati: "Twebwe si ukuvuga ngo turashima cane rwose urya muntu, kandi yarakoreye nabi Ubwongereza".

"Rero ndashobora kumutahura kandi ndafise n'ivyo nomuvugako, ariko ntaco bimbwiye".

Muri ubwo butumwa bwari ibanga ariko bugashirwa ahabona, Sir Kim yanditse ati: "Mu vy'ukuri nta cizere dufise ko ubu butegetsi buzoshika aho buja ku murongo; bugakora neza, bugafata intumbero nziza; ntibucanemwo; bukagira imigenderanire myiza; bukerekana ko bushoboye".

Umunnyamabanga ajejwe imigenderanire y'Ubwongereza, Jeremy Hunt, avuga ko ivyo Sir Kim yanditse biri "ku gatwe kiwe", atari kubw'ubutegetsi bw'Ubwongereza.

Bwana Hunt asanzwe ariko ahiganirwa kuba umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, avuga ko cari igikorwa ca ambasaderi gutanga "ivyiyumviro vyiwe", ariko ko bitavuga ko ari ho leta ihagaze.

Avuga ko ubutegetsi bwa Bwana Trump "budakomeye gusa, ahubwo ko ari incuti ya mbere y'Ubwongereza kw'isi".