Trump wa Amerika na Xi w'Ubushinwa bumvikanye gusubira kuvyura ibiganiro mu vy'ubudandaji

Leta zunze Ubumwe za Amerika n'Ubushinwa vyemeye gusubira gutangura ibiganiro ku vyerekeye ubudandaji, ibifatwa nk'agahenwe ku kutumvikana hagati y'ivyo bihugu bibiri kwatumye ubutunzi bw'isi bugenda bugoyagoya.

Perezida Donald Trump wa Amerika hamwe na Perezida Xi Jinping w'Ubushinwa bashitse kuri uwo mwumvikano mu biganiro vyabahuje iyo bari basanzwe bari mu Buyapani, aho bagiye kwitaba inama ihuza ibihugu bitunze gusumba ibindi kw'isi.

Bwana Trump yari yagabishije ko ashobora kuduza amakori ashika ku miliyaridi 300 ku bidandazwa biva mu Bushinwa.

Ariko, inyuma y'uwo mubonano mu gisagara ca Osaka mu Buyapani, yatangaje ko ayo makori atazoduzwa, ko ahubwo agiye kubandanya aganira n'Ubushinwa.

Bwana Trump amenyesha kandi ko amakompanyi ya Amerika ashobora kubandanya akorana n'ikompanyi Huawei y'Ubushinwa ikora amaterefone ngendanwa, ivyari vyahagaritse na leta ya Amerika ku mvo z'umutekano.

Mw'ijambo ryiwe muri iyo nama ahejeje kuganira na Bwana Xi, Bwana Trump yavuze ko ibiganiro "vyasubiye gutangura".

Bwana Trump yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Twaganiriye neza cane na Perezida Xi w'Ubushinwa. Umubonano mwiza cane, mvuga nti mwiza cane nk'uko wategerezwa kuba".

"Twavuganye ibintu vyinshi kandi twasubiye gutangura ibiganiro, tuzoraba ingene bizogenda".

Ku rundi ruhande, ikinyamakuru Xinhua cegamiye ubutegetsi bw'Ubushinwa casubiyemwo amajambo yashikirijwe na Perezida Xi avuga ati: "Ubushinwa na Amerika bifise inyungu nyinshi bisangiye, n'ugufashanya gukomeye mu bisata bitandukanye. Ivyo ntibishobora guhungabanywa n'uko kutumvikana".

Amerika n'Ubushinwa, ibihugu bibiri bitunze kw'isi gusumba ibindi, bimaze umwaka wose birabana urunuka kubera ukutumvikana mu vyerekeye urudandaza.

Bwana Trump yagiriza Ubushinwa ko bwiba ubumenyi, bukanategeka amakompanyi yo muri Amerika gutanga amabanga mu vyerekeye urudandaza, kugira ngo yemererwe gukorera mu Bushinwa.

Ivyo vyari vyatumye mu kwezi kwa gatanu guheze ubutegetsi bwa Perezida Trump butegeka amakompanyi ya Amerika guhagarika gukorana n'ikompanyi Huawei, aho yavuga ko ubuhinga bwayo bwa G5 bushobora guhungabanya umutekano w'ico gihugu.

Hagati aho, iyo ngingo ifashwe na Bwana Trump ntihagarika burundu ico kibazo ca Huawei avuga ko kizokwigwa neza "ku mpera" y'ibiganiro muvyo ubudandaji hagati ya Amerika n'Ubushinwa.