Sarri avuga ko aba Blues babuze ishaka mu rukino rwabahuje na Arsenal

Umumenyereza wa Chelsea Maurizio Sarri
Insiguro y'isanamu, Sarri avuga ko abakinyi bamugoye guhimiriza

Umumenyereza wa Chelsea Maurizio Sarri yavuze ko abakinyi biwe babuze ishaka mu rukino rwabahuje na Arsenal yabatsinze 2-0.

Muri urwo rukino rwabaye ku munsi wa Gatandatu, umugwi Chelsea wateye mw'igori umupira umwe gusa.

Chelsea imaze gutsinda inkino zibiri kuri zitanu za nyuma iherutse gukina, ukaba ufise amanota atatu gusa imbere y'aba Gunners bari mu kibanza ca Gatanu, Manchester United mu ca gatandatu.

Sarri yavuze ati: ""Ndababaye vyukuri ingene twifashe mu rukino rw'uno munsi."

"Nta muntu ashobora kwemera umukenyuro twakoresheje."

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma yo gutsindwa, Sarri yavuze ko yipfuza kuvuga mu rurimi rw'amavuko rw'igitaliyano "kubera ko nipfuza kurungikira abakinyi ubutumwa kandi nipfuza ko bwoba busobanutse".

Uwo mugabo w'imyaka 60 yasubiriye Antonio Conte mu ci riheze yagize ati: "Ntegerezwa kuvuga ko mbabaye cane. Mu vyukuri ndababaye."

"Kuno gutsindwa kuva mu mutwe, kurusha ahandi hose. Kino ni ikintu ntakwiye kwemera.

"Uyu ni umugwi w'abakinyi bagoye guhimiriza."