Laurent Gbagbo, yahoze atwara Cote d'Ivoire, yejejwe na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, CPI

Abacamanza ba Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) basavye ko uwahora arongoye igihugu ca Côte d'Ivoire, Laurent Gbagbo, arekugwa co kimwe n'uwo bari bapfunganywe, Charles Blé Goudé.

Bwana Gbagbo niwe yabaye umukuru w'igihugu wa mbere ashikirijwe CPI, akurikiranywe ku vyaha yoba yakoze igihe c'intureka zadutse mu gihugu ca Côte d'Ivoire inyuma y'amatora yo mu 2010-2011, aho ubwicanyi bwahitanye abantu 3000 mu mezi atanu.

Umucamanza mukuru Cuno Tarfusser yagize ati: "Sentare yihweje ivyasabwe na Laurent Gbagbo hamwe na Charles Blé Goudé ko bohanagurwako ivyaha vyose vyabegetsweko, itegetse irekugwa ry'abo bantu babiri bakurikiranwa."

Bwana Goudé niwe yari arongoye umuhari w'urwaruka "Jeunes patriotes", bayoboka Bwana Gbagbo.

Muri iyo myaka yose yari apfunzwe, Laurent Gbagbo yarankiwe kenshi kurekurwa vy'agateganyo.

Bwana Gbagbo yafatiwe ku kirimba iwe mu 2011, afatwa n'inteko zishigikiwe n'umuryango mpuzamakungu ONU hamwe n'Ubufaransa bwashigikira uwo bagwanira ubutegetsi, Alassane Ouattara.