Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intureka zadutse zivuye kubagira imyiyerekano kw'ifungwa rya Bobi Wine
Inteko z'abajejwe umutekano mu Buganda, zahanganye n'abatanguye imyiyerekano biyamiriza ifungwa rya Robert Kyagulanyi, wa mushingamateka w'umuririmvyi, batazira Bobi Wine.
Abari mu myiyerekano baturira ama pine, bakanatera amabuye.
Abasirikare n'abapolisi baboneka bari ku miduga hejuru, banyaruka bakwiragira mu gisagara Kampala.
Mur'uwo muji Kampala, amasase yica yatewe mu kirere, ndetse n'ivyuka vyokera, nko basanzaze abo bari mu myiyerekano.
Izi ntureka zikurikiye inyuma y'uko uyu mu nyamategeko, akaba n'umushingamateka w'umuririmvyi bivugiwe ko yaborejwe igufa mu busho bwa gisirikare, kuva afatwa.
Mu muryango wiwe, bavuga ko amagara yiwe aguma yunyuka, kandi ko yoba yatewe ibirozi mu maraso yiwe.
Perezida Museveni we yarahakanye ko Bobi Wine yakomerekejwe. Yagize ati "ni ibihuha".
Mur'urwo rukurikirane, abantu batari bake bafashwe, harimwo n'umumenyesha makuru wa 'Reuters', yariko atanga amakuru ajanye n'iyo myiyerekano.
Bobi Wine yari yafashwe ku ndwi iheze hamwe n'abandi bashika ku 32.
Ico gihe hari inyuma y'imyiyamamazo y'amatora yabereye mu karere ka Arua.
Abategetsi abo bafashwe kuko boba bari inyuma y'ibitero vyagizwe ku miduga yunguruza Perezida Museveni.
Bobi Wine yarengutse imbere ya sentare ya gisirikare ku ndwi ihezeyagirizwa gutunga ibirwanisho.
Abandi bafatiwe hamwe, nka Kassiano Wadri, wewe yagirijwe guhemukira igihugu.
Abatari bake babonye ko ivyo vyagirije bifatiye kw'itotezwa rya politike.