Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Volkswagen mu Rwanda yasohoye imiduga ya mbere
Isoko ry'abagura imiduga muri Africa y'ubuseruko, niryo ryatumye Volkswagen ishinga irindi hinguriro ku mugabane wa Afrika.
Ihinguriro ry'imiduga y'abadagi Volkswagen, ribaye irya mbere rikora imiduga rishinzwe mu Rwanda.
Volkswagen itegekanya kwubaka imiduga yo mu bwoko bwa polo, ishika ku 5 000, mu gice ca mbere.
Mu nyuma hazokwubakwa ubundi bwoko nka Passat, Tiguan, Amarok na Teramont.
Ubwo bwoko bwose buri mu muryango w'iyi miduga y'abadagi, Volkswagen.
Thomas Schaefer arongoye ishami ry'ihinguriro Volkswagen muri Afrika, rifise icicaro muri afrika y'epfo, yamenyesheje ko ibikoresho n'ibindi nkenerwa bizoza birashikanwa aho mu Rwanda buke buke.
Bizovanwa muri Afrika y'epfo, banaravye ingene izo modoka zizoba zigurwa.
Yanamenyesheje ko ahanini, urwo ruganda rubona isoko muri Afrika muri rusangi, uhereye mu karere ka Afrika y'ubuseruko.
Perezida Paul Kagame yateye iteka ivyo birori, yavuze ko ari iyindi ntambwe mw'iterambere ry'ubutunzi mu Rwanda.
Umutahe urenga amafaranga i miliyoni 20 y'ama dolari y'abany'Amerika, uzofasha abantu barenga 1 000 kuronka akazi.
Ibiharuro vyo kuva mu mwaka w'I 1997, vyerekana ko u Rwanda rufise abantu barenze gatoyi 200 000 batunze imiduga.
Uru ruganda rw'ihinguriro ry'Abadagi Volkswagen rwuguruwe mu Rwanda rwiyongera ku ruri muri Kenya.
Muri rusangi, imodoka zitunzwe n'abantu zigurwa mu Buyapani, zarakoreshejwe.
Aha ni cane cane ku mugabane wa Afrika.