Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda yihanikije igurisha ry'imodoka zishaje
Inama nshingamateka ya Uganda yemeje itegeko ryihanikiza igurisha ry'imodoka zirenza imyaka 15 zikozwe, ivyo ngo bizofasha kugabanya imyuka mibi iri mu kirere n'impanuka zo mw'ibarabara.
Inama nshingamateka imaze igihe ihererekana ivyiyumviro ku bibazo vy'ivyuka bibangamiye ikirere hamwe no ku mpanuka zo mu mabarabara, ndetse leta ikaba yategetse ikigandaro c'iminsi itatu ku bantu 20 baguye mu mpanuka y'imodoka mu ndwi iheze.
Abagurisha imodoka ntibakiriye neza iyo ngingo basigura ko kutinjiza imodoka zirenza imyaka 15 bizotuma abantu benshi babura akazi, bigatuma n'abaganda basanzwe bakenye badashobora kugura imiduga.
Imodoka nshasha isanzwe izimvye, irihigwa n'ikori ry'ibice 50% ku kiguzi cayo.
Mu mwaka uheze abaganda binjiza mu gihugu imodoka zakoze 2500 ku kwezi.
Igihugu ca Kenya carahagaritse igurisha ry'imodoka zirenza imyaka umunani zikozwe, muri Tanzaniya naho izinjira ntizirenza imyaka cumi.
Prezida Yoweri Museveni ategekanya gushira umukono kuri iryo tegeko rishasha, ritegekanywa kuja mu ngiro kuva mu ntango y'ukwezi kw'indwi.