Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abashingamateka b'abakukuruke bagiye gutekeregwa imiliyoni 100 UGS
Umugwi ujejwe ibibazo vy'abashingamateka mu nama nshingamateka ya Uganda uriko urasaba ko abigeze kuba abashingamateka botekeregwa imiliyoni 100 z'amashilingi ya Uganda ($26000).
Umuvugizi w'inama nshingamateka Rebecca Kadaga yabwiye ikinyamakuru gikorana n'ubutegetsi New Vision, ko ayo mahera ari ayo "gushima intererano y'abo bashingamateka mw'iterambere ry'igihugu".
Avuga ko abo bashingamateka bamaze guhabwa $8000, ariko ngo Prezida Yoweri Museveni akaba yavuze ko "ari make cane".
Umushingamateka wa kera Othieno Akika, yavuze ko bigoye ngo abo bashingamateka baronke akazi.
Abo bashingamateka bakoze hagati y'i 1962 - 2001, nibo bazoronka ayo mahera ariko ntawuzi ukwo bangana.
Iyo nteguro irindiriye kwemezwa na Prezida Museveni.