Abashingamateka b'abakukuruke bagiye gutekeregwa imiliyoni 100 UGS

Umugwi ujejwe ibibazo vy'abashingamateka mu nama nshingamateka ya Uganda uriko urasaba ko abigeze kuba abashingamateka botekeregwa imiliyoni 100 z'amashilingi ya Uganda ($26000).

Umuvugizi w'inama nshingamateka Rebecca Kadaga yabwiye ikinyamakuru gikorana n'ubutegetsi New Vision, ko ayo mahera ari ayo "gushima intererano y'abo bashingamateka mw'iterambere ry'igihugu".

Avuga ko abo bashingamateka bamaze guhabwa $8000, ariko ngo Prezida Yoweri Museveni akaba yavuze ko "ari make cane".

Umushingamateka wa kera Othieno Akika, yavuze ko bigoye ngo abo bashingamateka baronke akazi.

Abo bashingamateka bakoze hagati y'i 1962 - 2001, nibo bazoronka ayo mahera ariko ntawuzi ukwo bangana.

Iyo nteguro irindiriye kwemezwa na Prezida Museveni.