Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Museveni yemeje itegeko rikura ivy'imyaka ku ba Perezida
Umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yashize umukono ku tegeko rihanaguza ikibazo c'imyaka kuri uwo wese yoba arondera kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.
Mw'ijambo yashikirije yipfuriza umwaka mushasha, yarashimiye abashingamateka 300 b'umugambwe uri ku butegetsi "National Resistance Movement" (NRM) abagereranya n'incungu z'igihugu, mu kuba batumye iryo tegeko ryemezwa.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bo bavuga ko abo bashingamateka bakunda inda, ko batazi ingaruka y'ingingo bashigikiye.
Iryo tegeko umukuru w'igihugu yashizeko umukono, rigiye gutangazwa ku mugaragaro ribone gutangura gushigwa mu ngiro.
Hagataho hari imigwi itandukanye yiteguye kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, ngwihagarikishe iryo tegeko.