Zambia yirukanye umwigeme w'umutamvyi wo muri Afrika Yepfo

Ubutegetsi bwa Zambia bwasubije mu gihugu ca Afrika Yepfo umutamvyi rurangiranwa Zodwa Wabantu, umwigeme akunda gutambana impuzu zimwegereye cane, atan'agahuzu ko munsi yambaye.
Vyari vyitezwe ko atanga igiteramo ku mugwa mukuru Lusaka, ariko amakuru avuga ko yabanje gufungigwa ku kibuga c'indege ashitse, munyuma asubizwa muri Afrika Yepfo kare ku munsi wa gatandatu.
Ubutegetsi bwa Zambia bwaramwimye uruhusha rw'ico giteramo, buvuga ko ibiteramo vya Madamu Wabantu bitesha agaciro igihugu.
Zambia ni igihugu cubahiriza imico ya kera, ibwirizwa shingiro rigatomora ko ari igihugu gikirisu.
Mu mwaka uheze, ubutegetsi bwa Zimbabwe bwarankiye Zodwa Wabantu ko akoresha igiteramo mw'isabukuru mu kwezi kw'icenda mu 2017.






