Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Obama: Ntawukwiye kwibagira ivyabaye Hiroshima
Prezida Obama ni umukuru w'igihugu wa mbere akiri ku butegetsi muri Amerika agiye mu gisagara ca Hiroshima kuva habaye igitero ca nucleaire mu ntambara ya kabiri y'isi.
Obama yavuze ko ivyabaye itariki 6 ukwezi kw'umunani 1945 bidakwiye kwibagirwa, ariko nta kigongwe yasavye vy'ico gitero ca Amerika, aho bwari bubaye ubwa mbere hakoreshwa ibombe ya nucleaire kw'isi.
Prezida Obama yaganiriye na bamwe mu bacitse kw'icumu, hanyuma mw'ijambo ryiwe asaba ibihugu kwiteza imbere bidakoresheje ibirwanisho vya nucleaire.
Abantu 140,000 ni bo bapfuye mu gisagara ca Hiroshima abandi 74,000 bapfa inyuma y'imisi ibiri bazize iyindi bombe igira kabiri yatewe mu gisagara ca Nagasaki.
Prezida Obama yatemberereye Hiroshima imbere y'uko aja ahabitswe ibintu vyibutsa ivyo bitero, ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe.
Bose ko ari babiri bahagaze imbere y'umuco utazima.