Ikirombwe c’ahitwa
Gasasa mu karere ka Rubaya gicukurwamwo ubutare bwa coltan muri
teritware ya Masisi caraye gihitanye abantu baharurwa 200, ariko amakuru
akavuga ko iki gitigiri gishobora kwiyongera, ufatiye ku bari basanzwe bahakorera.
Radio Okapi ihabwqa uburyo na ONU ivuga ko hampande y’abasanzwe bimba ubutare, mu bahasize ubuzima harimwo
abadandaza batobato basanzwe badandariza kuri ico kirombwe bagurisha amazi, imfungurwa n’ibindi
bikoresho ku basanzwe bimba ubutare.
Hari haciye
hafi ukwezi kumwe ikindi kirombwe c’aho nyene i Gasasa kirindimutse kikiha inkumbi,
hari ku wa 28 Nzero (1) uno mwaka, aho abantu barenga 400 bahasize ubuzima
Umwe mu
basnzwe bakorera kuri iki kirombwe yasubiwemwo n’ikinyamakuru Actualite co muri RD COngo agira ari: “Twari benshi mu kinogo. Twatanguye
tubona ivu rikoroka bukebuke, bamwe batangura gutabaza ko basohoka, ariko igihe
cari carenganye. Mu masegonda make gusa, cari kirindimutse.
“Jewe
nakize kuko nagumije urubaho, ariko benewacu babiri cabaguyeko. Sinzi ko n’ibiziga
vyavo bizoshobora kuboneka”.
Mu gisagara
ca Rubaya, umwikomo wari mwinshi ku miryango itari mike ifise abayo muri ico
kirombwe kandi ata makuru akwiye ironka ku bayo.
Ibikorwa yo kurondera abakizibiriwemwo birabandanya
kugira ngo barabe ko botora abagihema canke bagakurayo ibiziga vy’abasandavye.
Biguvwa ko
iki kirombwe carindimutse hafi isaha icenda n’igice n’igice, abavuganye na Radio
Okapi bakavuga ko aa n’imvura yariko iragwa, ariko ko vyaboneka ko ikiba
cashobora kuba: aho hantu hari ikigera, hasenyagurika kandi huzuye iinogo.
Abanyagihugu ntibatahura igituma abategetsi batabujije
abantu gushik muri kiki kirombwe.
I Gasasa co
kimwe no mu bundi burere bwa Masisi, ubucukuzi bubayabaye ni bwo busigaye ari
yo soko y’uburaro n’uburamuko ku miryango myinshi, nubwo ari ibikorwa
bibandanya vyiha inkumbi.