Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki Amerika na Israel ari akadasohoka?
"Si ikintu ca kure – ubucuti hagati ya Israel na Reta Zunze Ubumwe za Amerika burakomeye", niko Perezida Joe Biden yavuze ku wa 10 Gitugutu (10), kuva umuhari Hamas utanguye igitero ku wa 07 Gitugutu, igitero kitari bwigere kibaho kuri Israel kuva imyaka 50 iheze.
Mu yandi majambo yagiye ashikiriza, Biden yavuze ko imfashanyo Amerika iha Israel "irakomeye kandi ntijegajega", hanyuma ati "tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo Israel ishobore kwivuna" kandi ko Abanyamerika "bari kumwe n’abanya-Israel mu buryo bwa hafi cane".
Aya majambo ya Biden yaherekejwe n’ibikorwa: mu misi ine gusa kuva indyane zadutse, Biden yavuganye incuro zitatu n’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, ategeka irungikwa ry’ubwato Gerald Ford bwikorera indege bwa mbere bunini mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi, mu karere k’Ubuseruko bwo hagati.
Yaba amajambo ya Biden canke ingingo yihuta yo gufasha iyi ncuti yiwe yo mu Buseruko bwo hagati avuga ko ari "umufatanyabikorwa shingiro", ibi si ibintu bishasha muri poritike ya Amerika.
Abanyamerika 14 bishwe hamwe na 20 bafashwe mu gitero ca Hamas, nk’uko reta ya Amerika ibivuga, ibi si vyo vyosigura ingingo yo gushigikira Israel ata guhigimanga.
Kuva intambara ya kabiri y’isi yose irangiye, Israel ni co gihugu ca mbere kw’isi kimaze kuronka imfashanyo nyinshi ya Amerika. Hagati ya 1946 na 2023, bivugwa ko Israel yoba imaze guhabwa imiriyaridi 260 z’amadodari y’Abanyamerika, nk’uko biri mu cegeranyo c’inama nshingamateka ya Amerika yashizwe ahabona mu kwa gatatu uno mwaka. Ayarenga ica kabiri c’aya yari agenewe igisirikare.
Ariko ubufasha bwa Amerika ntibwagarukiye ku bijanye n’amafaranga gusa. Nk’igihugu ntayegayezwa mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, Amerika yarakoresheje kenshi ububasha bwayo bwa veto (kuzibira ingingo zifatwa) mu kuzibira ingingo zo kugabisha n’ibihano vyafatirwa Israel ku bikorwa vyayo vyo kwihagira ubutaka bwa Palestina.
"Muri kahise k’iyi Nama, Amerika yakoresheje veto incuro zirenga 80. Mu zirenga ica kabiri, Amerika yakora ibi mu kuzibira amakungu yayinegura. Kandi Amerika, ni co gihugu conyene (ku bihugu 15) camye gihakana izi ngingo mu Nama nkuru ya ONU", bivugwa na Stephen Zunes, umwigisha akongera akaba yashinze ikigo c’ivyigwa ku bijanye n’Ubuseruko bwo Hagati kw’ishure kaminuza ya San Francisco muri California.
"Kuva muri kahise, mu gihe ibihugu hafi vyose binegura ibitero vy’iterabwoba vy’Abanya-Palestina ariko kandi bikanegura ibitero vya bombe bikorwa na Israel ku basivire, bikiyamiriza ibitero vya gisirikare canke vy’ubwiyahuzi ku basivire, Amerika yoyo inegura gusa Abanya-Palestina, ikirinda kuvuga kuri Israel", niko Zunes avuga, na rirya amaze imyaka mirongo akurikiranira hagufi ingendo ya Amerika ku ndyane ziri hagati ya Israel na Palestina.
Kuri reta y’Umurepubulika Donald Trump (2017-2021), Amerika yarirengagije inshingano yayo yo kuva muri kahise ku bijanye no gushinga ibihugu bibiri, mu gihe uwamusubiriye, uwo mu mugambwe w’aba-Democrat , Joe Biden, ntiyigeze afata icemezo co kwugurura ibiganiro kuri iki kibazo. Ahubwo yagerageje gufasha mu kunagura ubucuti hagati y’ibihugu vy’Abarabu na Israel bucumbagira kuva imyaka mirongo iheze, biturutse neza na neza ku kibazo giteje impari kijanye no gushinga igihugu c’Abanya-Palestina ukwabo. Kuri benshi, ikibazo ca Palestina cashizwe ku ruhande.
Ibiganiro biheruka ni ivyashitse ku masezerano y’imigenderanire hagati ya Arabia Sawudite na Israel, ariko ivyayo bikaba bitaboneka neza kubera iyi ntambara nshasha hagati ya Israel na Hamas.
Mu majambo yagiye ashikiriza kuva Hamas itanguye ibitero, Biden yaririnze kunegura Israel ku bitero birenze urugero vya Israel vyo kwihora, nk’uko bimaze kwerekanwa na ONU hamwe n’Ubumwe bwa Bulaya.
Israel yaraciye amazi n’amatara yongera izibira amayira y’ibitoro n’imfungurwa vyinjira muri Gaza, akarere ka mbere kw’isi karimwo abantu b’umurengera karwiriyemwo abasivire, ubu kari mu bitero vy’urutavanako vy’ibibombe vya Israel. "Amerika na Israel ni ibihugu vya demokarasi. Kandi ibihugu birangwa na demokarasi birakomera iyo bikurikiza amategeko", niko Biden yavuze ku wa kabiri.
Ariko none, ni iyihe nkomoko y’ubu "bucuti bw’akadasohoka" bwama buvugwa na Biden hagati ya Israel na Amerika butuma Amerika ihagarara uko ihagaze?
Ubucuti bwo kuva muri kahise
Amahano yakozwe mw’ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi (ikizwi nka Holocauste) ryahitanye Abayahudi imiriyoni zitandatu, ryatumye amakungu abona ko ari ngombwa gushinga igihugu ca Israel.
Inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, Amerika n’Ubumwe bw’Abasoviyeti vyariganje nk’ibihugu vya mbere rutura, bifata iya mbere mw’itunganywa rishasha ry’isi birayigabangana. Ibihugu bikomeye vya Bulaya vyari vyakubititse kubera vyabaye ikiririmbiro ry’intambara.
Amerika yaciye yihutira gufata iya mbere mu gushigikira iki gihugu gishasha, yongera iracemeza.
Ubumwe bw’Abasoviyeti na bwo nyene bwarashigikiye ishingwa rya Israel, kandi nibura mu myaka 20 ya mbere kuva Israel ibayeho, nta tandukaniro rinini ryari rihari ku kungene Amerika n’Ubumwe bw’Abasoviyeti vyari bishigikiye Israel. Igihe Israel itera Misiri mu 1956, mu ndyane zari zishingiye ku muhora wa Suez, Amerika yavyiyamirije co kimwe n’Ubumwe bw’Abasoviyeti.
Hagati aho, haciye imyaka cumi, Amerika yahinduye cane aho ihagaze. Vyagiye kugaragara ko, muri ca gihe c’intambara yo kwikekana, Israel yashobora kugira uruhara rudasanze mu kurwanya inyungu z’Abasoviyeti mu karere.
Icagiye guhindura ibintu gusumba, yabaye nya ntambara y’imisi itandatu, aho Israel yirengeje ihuriro ry’ibihugu vy’Abarabu, mu ntango ryari rigizwe na Misiri, Yorodaniya na Syria kandi rishigikiwe n’Ubumwe bw’Abasoviyeti. Kuva ico gihe, imfashanyo ya Amerika mu vy'imigenderanire no mu bijanye n’amafaranga yariyongereye ku rugero runini cane.
Intambara yo kurwanya iterabwoba
Ku bwa Zunes, nta nkeka ko impuhwe nazo zifise ikibanza muri ubu bucuti. Igihe Netanyahu agereranya igitero ca Hamas n’ibitero vyabaye ku wa 11 Nyakanga (9) 2001, igitero ca mbere kinini ku butaka bwa Amerika inyuma y’ibitero vy’Ubuyapani ku mazinga ya Pearl Harbor mu ntambara ya kabiri y’isi yose, umushikiranganji wa mbere wa Israel yabibukije ibintu bikomeye cane, ihahamuka igihugu cagize rivuye ku bitero vy’indege zasetse inyubakwa zerekana inguvu za Amerika kw’isi muri iki gitero cakozwe n’umuhari w’iterabwoba ugendera ku vyiyumiro vy’Idini rya Islam y’Abasuni, Al-Qaeda.
Kubona ibi bitero vyompi vyakozwe n’imirwi igendera ku vyiyumviro vya Islam, bituma Abanyamerika babona ko bageramiwe ku rugero rumwe n’Abanya-Israel.
Mu kwishura kuri ibi bitero, Amerika yaciye itanguza icitwa "intambara yo kurwanya iterabwoba", ari yo yafashije mu gusigura ibitero vya Amerika kuri Afghanistan na Irak. Muri ibi bihugu vyompi, ubutegetsi bwari buhari bwarasenyuwe kandi ntivyoroshe gushiraho ubundi butegetsi bushasha kugira ngo akarere kabemwo ituze ingabo mvamakungu zimaze gutahuka. Abanyamerika bo nyene bahavuye babona ko iyi nzira kwabaye ukwihenda kandi yabatwaye uburyo burenze urugero, ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu.
Uko ibintu bimeze ubu, hari ababona ko igitero co ku butaka Israel yimirije gukora muri Gaza, kizoba ari co kimwe, ku rugero ruto, n’ivyo Amerika yagize mu myaka irenga 20 y’intambara yo kurwanya iterabwoba.
"Nimba ingaruka z’igitero co ku wa 07 Gitugutu (10) kuri Israel ari co kimwe n’iz’igitero co ku wa 11 Nyakanga (9) ku Banyamerika, Israel ntiyari ikwiye gukora amakosa nk’aya Amerika mu kwishura ku gitero co ku wa 11 Nyakanga", bivugwa n’umwigisha wa kaminuza Dox Waxman, ku kigo cigisha ibijanye na Israel kw’ishure kaminuza ya California i Los Angeles (UCLA), kuri X (yahoze yitwa Twitter).
Waxman abandanya agira ati: "Cane cane, igitero ca Amerika kuri Afghanistani catumye iki gihugu cigarurirwa imyaka 20 yaranzwe n’intambara (itashoboye gusambura Al-Qaïda). Nimba amaherezo ari uko ingabo za Israel zitera Gaza zigatembagaza ubutegetsi bwa Hamas, zishobora kwisanga zigaruriye Gaza zigahangana n’ibitero bitazokwigera bihera. Bizoba vyoroshe kwinjira gusumba gusohoka, nk’uko Amerika vyayigendeye".
Amayeri ya poritike ku rwego mpuzamakungu
Haraciye imyaka 40, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Alexander Haig, yari yagenywe na Perezida Ronald Reagan ico gihe, atanze insigiro ikurikira kuri ino ncuti ya Amerika yo mu Buseruko bwo hagati: "Israel ni bwo bwato bwa mbere bunini bwa Amerika bwikorera indege, ntibushobora kuzama, nta musirikare n’umwe wa Amerika butwara kandi buri mu karere gakomeye ku mutekano wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika".
Ku bihweza ibintu n’ibindi batari bake ku bijanye n’imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubuseruko bwo hagati, iyi nsiguro iracafise ikibanza kidasanzwe kandi iboneka ko ari yo mvo nyamukuru ituma Amerika ishigikira Israel ititangiriye itama mu mayeri ya poritike mpuzamakungu.
"Ubuseruko bwo Hagati bufise ikibanza kidasanzwe kuri Amerika, kuko amareta yose yagiye yikurikiranya yagiye abandanya n’intego zitandukanye zifitaniye isano, cane cane gukingira amasoko ntanganguvu nyamukuru, kuzibira Abasoviyeti na Irani kugira ntibiganzire akarere, ukubaho n’umutekano wa Israel n’incuti zayo z’Abarabu, kurwanya iterabwoba, gutsimbataza demokarasi no kugabanya uruja n’uruza rw’impunzi", niko bivugwa mu majambo make na Kali Robinson, umuhinga ku bijanye n’Ubuseruko bwo hagati mu kigo Council of Foreign Relations, mu nkuru yo muri Mukakaro (7) 2023 kuri poritike za Amerika mu ndyane hagati ya Israel na Palestina.
N’aho ya ntambara yo kwikekana imariye guhera, nta kintu kinini cahindutse ku bijanye n’ingene Amerika ifata Israel. Ibi bisigurwa n’uko ku ruhande rumwe aka karere kakiraje ishinga Abanyamerika.
Irani, igihugu kigendera ku ntwaro ishingiye kw’idini rya Islam kandi gifise ijambo mu karere be n’umugambi wa nikleyeri uteje impari, ni umukeba nyamukuru wa Amerika mu karere. Hanyuma kandi ni incuti ya kera ya Hamas, umuhari w’Abanyapalestina ukora ibitero ku butaka bwa Israel. N’aho Abanyamerika n’abanya-Israel biyemeje ku mugaragaro kwemeza ko Irani yoba ari yo yateguye yongera itanga uburyo bw’amafaranga mu gutegura igitero kuri Israel, inzego za Amerika zijejwe igendereza gushika ubu ntizirashobora gutora isano ritaziguye hagati y’iki gihugu kirongowe n’aba-Ayatollah hamwe n’uno muhari w’abarwanyi b’Abanyapalestina, Hamas.
Irani iherutse gushimangira ubucuti bwayo n’Ubushinwa hamwe n’Uburusiya, ivyatsimbataje uruhara rwa Israel nk’incuti kirumara ya Amerika mu karere.
Mu 2014, Biden, ico gihe akaba yari icegera c'umukuru w'igihugu, mw'ijambo ryiwe mw'ikoraniro ryamuhuje n'abanya-Israel, “ahanini ari ku nyungu za Amerika ubwayo kugira incuti kirumara nka Israel, itekanye, irangwa na demokarasi kandi nk'umugenzi".
Yavuze kandi ati: "Iyo Israel iba atayiriho, twari kuba twayishinze".
Ubucuti bw’amarangamutima
Muri iki gihe impande zompi muri poritike ya Amerika zifise bike cane zishobora guhurirako, ugushigikira Israel muri kiri mu bintu bike cane bihuza aba-Repubulika n’aba-Democrats. Kuri izi mpande zompi, imvo zishingiye ku marangamutima ni zo zisigura uru rukundo bayifitiye.
"Mu gice c’abanyaporitike ba Amerika bo ku ruhande rw’abigenga, harimwo abafitiye ikigumbagumba Israel, aho Abanya-Israel bafatwa nk’abantu bahohoterwa ariko bashoboye gushinga igihugu cabo inyuma y’ibinjana bamaze baturatura mu buhungiro. Kandi bahavuye bashinga igihugu kirangwa na demokarasi ishingiye ku mibereho, igihugu citayeho imibereho myiza y’abanyagihugu, gitandukanye n’ibihugu vy’Abarabu bigikikije birangwa n’intwaro z’agahotoro n’ubugumutsi", niko Zunes avuga.
Ku bw’uyu muhinga muri poritike wo kw’ishure kaminuza ya San Francisco, Israel, ku rugero kanaka, ni ikimenyetso c’ishingwa rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igihugu cashinzwe n’abimukira bakubaguwe kubera ukwemera kwabo bubatse n’amaboko yabo bwite igihugu cabo giteye imbere kandi cigenga.
Hagati aho, iyi shusho y’iki gihugu yaratakaje ikibanza mu bakiri bato. Itohoza rya Pew Research ryo muri Mukakaro (7) 2022 ryerekana ko, nimba 67 % vy’Abanyamerika bafise imyaka irenga 65 hamwe na 60 % vy’abafise imyaka hagati ya 50 na 64 babona neza Israel, 41% vy’abafise imyaka iri hagati ya 18 na 29 ni bo bayibona gutyo. Zimwe mu mvo zituma ibi biharuro bigabanuka harimwo poritike zigenda zishingira ku vyiyumviro vy’idini n’ivy’agahotoro vya reta zo ku ruhande rw’i buryo, nk’iya Netanyahu, hamwe n’ingendo ya Israel yo kubandanya yihagira ubutaka mu karere ka Cisjordanie/West Bank.
Hagati aho, ku bwa Zunes, n’aho abakiri bato bagenda biyamiriza inyifato ya Israel ntibiragira ingaruka muri poritike ya Washington, kubera urubuga rwa poritike ya Amerika ruciganziwe na ba se hamwe na ba sekuru b’uru rwaruka.
Ku rundi ruhande rwa poritike, Israel yasubiye kwunga ubumwe n’abakristu bashira imbere ivugabutumwa (évangélistes) muri Amerika, bari ku rugero ruri musi gato y’ica gatatu (⅓) c’abanyagihugu bose. Iki gice c’abatora biganjemwo abashigikiye Trump kirafasha mu gusigura igituma Trump ashira imbere ikibazo ca Israel.
"Abakirisu bagendera kw’ivugabutumwa bafata ko ikibazo ca Israel canditse mu buhanuzi bwo muri Bibiliya bushira imbere igaruka rya Yezu Kristu/Yesu Kristo kw’isi. Babona ko indyane hagati ya Israel n’Abanya-Palestina ari indyane hagati y’Abanya-Israel n’Abafilisti zibandanya", niko Zunes abisigura, ashimikiye ku Bwuzure bwa Kera. Ikintu nk’iki carabaye ku bavugabutumwa bo muri Brezili. Abategetsi b’ivugabutumwa bo muri Brezil baragiye ku ruhande rwa Israel bongera barasigura imvo zatumye bashigikira uruhande rw’i buryo rwa Bolsonaro bishimikije amajambo yo muri Bibiliya.