Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Kim Yo-jong: Mushiki wa Kim Jong-Un yazamuwe mu ntera yongezwa n’umushahara

Muri Koreya ya Ruguru, mushiki wa Perezida Kim Jong-un yazamuwe mu ntera kuri uyu wa kabiri tariki ya 24 Gashyantare (2), ahabwa umwanya ungana n’uw’umuminisitiri.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Dinah Gahamanyi

  1. Koreya ya Ruguru: Mushiki wa Kim Jong-Un yazamuwe mu ntera yongezwa n’umushahara

    Muri Koreya ya Ruguru, mushiki wa Perezida Kim Jong-un yazamuwe mu ntera kuri uyu wa kabiri tariki ya 24 Gashyantare (2), ahabwa umwanya ungana n’uw’umuminisitiri.

    Ni icyemezo cyafatiwe mu nama ya komite nkuru y’ishyaka Workers’ Party.

    Radiyo mpuzamahanga y’abafaransa (RFI) dukesha iyi nkuru, ivuga ko iri shyirwaho ryatumye abasesenguzi batangira gukekeranya no gusesengura icyerekezo Pyongyang ishobora gufata ku rwego mpuzamahanga.

    Akenshi Kim Yo-jong, mu bijyanye n’ishyaka, yagumaga mu gicucu cya musaza we uyobora igihugu. Gusa na we ntiyoroshye kuko asanzwe ari umunyamuryango ufite ijambo rikomeye mu nzego z’ubutegetsi.

    Ku myaka 30 gusa, akunze kuvugwa kenshi mu byemezo mpuzamahanga bya Koreya ya Ruguru.

    Yabaye isura nyamukuru y’igerageza ryo kunga Koreya zombi mu 2018, ari na bwo yatangiye kwamamara, ariko ntibyamubujije kunenga igihugu gituranyi. Icyo gihe, yigeze kwita uwari perezida wa Koreya y’Epfo “imbwa yizewe ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika.”

    Iyo mvugo ikakaye yaje koroha buhoro buhoro kuva mu 2025, ubwo Lee Jae-myung yatorerwaga kuyobora Koreya y’Epfo, agaharanira kugabanya umwuka mubi no kunoza umubano hagati ya Séoul na Pyongyang.

    Kim Yo-jong yabaye kandi mu myanya yemewe ya Leta mu nama zo ku rwego rwo hejuru zabaye hagati ya Kim na Trump i Singapour na i Hanoi”, nk’uko byasobanuwe na Ahn Chan-il mu kiganiro yahaye AFP.

    Yunzemo avuga ko: “Afite ubunararibonye kandi asanzwe azi neza imikorere y’ubutegetsi.”

  2. Zelensky: Imyaka ine irarangiye Putin avuze ko agomba gufata Kyiv mu misi itatu, yarananiwe

    "Uno musi imyaka ine iraheze kuva Putin avuze ko yari gufata Kyiv mu misi itatu”, ni amajambo ya Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine kuri ino sabukuru y’imyaka ine kuva Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine.

    Ati: "Kandi ibi bisigura vyinshi ku bijanye n'urugamba rwacu rwo kwivuna umwansi, ku bijanye n'ingene Ukraine ibandanya urugamba iki gihe cose. Ni amajambo yerekana urugendo rurerure Ukraine irimwo kuva ku wa 24 Ruhuhuma 2022”.

    "Dufise uburenganzira bwose bwo kuvuga: twararwaniye ukwikukira kwacu, ntitwatakaje igihugu cacu, Putin ntiyashitse ku ntego ziwe. Ntiyashoboye gucuvya abanyagihugu ba Ukraine, ntiyashoboye gutsinda iyi ntambara. Twarabungabunze Ukraine, kandi tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo dushike ku mahoro n’ubutungane”.

    Hagati aho, hitezwe inama y’ “urunani rw’abashaka” be n’ikoraniro hagati ya Ukraine be n’ibihugu vy’ubutere tw’Uburaruko hamwe na Baltique ku mugwa mukuru wa Ukraine kuri uno wa kabiri, nk’uko bitangazwa n’umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuu w’iugihugu ca Ukraine Serhiy Nikiforov.

    Abategetsi b’ibihugu vya Croatia, Estonia, Lettonie, Iceland, Finland, Danemark, suwede na Norvège, co kimwe n’umukuru w’Inama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya António Costa, bamaze gushika i Kyiv, nk’uko bivuygwa n’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire, Andriy Sybiha .

    Imbere y’aho, umukuru wa Komisiyo y’Ubumwe bwa Bulaya Ursula von der Leyen avuga ko agendeye Kyiv incuro igira cumi kuva iyi ntambara itanguye.

    Hagati aho, intambara zozo ntizihagarara. Mw’ijoro ry’ubuca ari kuri uno wa kabiri, Uburusiya bwakoze igitero bukoresheje igisasu ca misire co mu bwoko bwa Iskander-M hamwe n’indege 133 zitajamwo abadereva. Gushika isaha zibiri n’inusu y’agatondo, amadrone 111 yari amaze “gusamburwa”, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere.

  3. Ababuze ababo bagiye kureba ‘Tour du Rwanda’ barateganyirizwa iki?

    Nyuma y’uko abantu babiri bapfuye abandi 6 bagakomerekera mu mpanuka yabereye i Gabiro mu Ntara y’Iburasirazuba mu gace ka mbere ka Tour du Rwanda, ishyirahamwe ry’umukino w’amagare mu Rwanda, rirateganya gufasha iki imiryango yabuze ababo n’abafite abakiri mu bitaro? Umva uko Visi Perezida w’iri shyirahamwe, Valentin Bigango, abisobanura

  4. Afurika y'Epfo: Umuhungu wa Robert Mugabe yarezwe icyaha cyo kugerageza kwica umuntu

    Umuhungu muto w'uwahoze ari Perezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe, yarezwe ku mugaragaro icyaha cyo kugerageza kwica umuntu, nyuma yo kwitaba urukiko muri Afurika y’Epfo mu iburanisha ryabaye mu gihe gito.

    Bellarmine Mugabe, ufite imyaka 28, yatawe muri yombi mu cyumweru gishize nyuma y’uko umusore w’imyaka 23 arashwe akagirwa inkomere .

    Ibi byabereye aho Bellarmine Mugabe atuye, mu gace gahenze ka Johannesburg ku wa Kane w'icyumweru gishize.

    Nyuma yaho, Bellarmine Mugabe yatawe muri yombi, ashyikirizwa ubutabera, ari kumwe n’umurinzi we.

    Nta n’umwe muri bo wagize icyo atangaza ku byaha bashinjwa.

    Agaragara mu rukiko yari yambaye imyenda y’umukara, ubona asa n’utuje mu gihe cy’iburanisha.

    Bellarmine ni umuhungu muto wa Robert Mugabe n’umugore we wa kabiri, Grace Mugabe.

    Robert Mugabe yapfuye mu 2019, akaba yari yarayoboye Zimbabwe mu gihe cy’imyaka 37, mbere yo gukurwa ku butegetsi mu 2017 afite imyaka 93.

    Ubwo basakaga mu rugo rwa Bellarmine Mugabe, babonye ibitoryi by'amasasu ariko imbunda yakoreshejwe kugeza n'ubu ntiraboneka.

    Mugabe na Tobias Tamirepi Matonhodze, w'imyaka 33, mu byo baregwa hiyongereyeho guhonyora ubutabera bijyanye n’iyo mbunda itaraboneka, nk’uko abaregwa babitangarijwe n’abashinjacyaha.

    Uwarashwe aracyarimo kuvurwa mu bitaro kandi arimo kwitabwaho mu buryo bwihariye.

    Umwunganizi wa Mugabe, Sinenhlanhla Mnguni, yabwiye abanyamakuru ko umukiriya we ameze “neza” n'ubwo akiri mu maboko y’inzego z’umutekano.

  5. Umupaka wa Gatumba-Uvira wuguruwe

    Umupaka wa Gatumba na Kavimvira waraye wuguruwe, inyuma y’amezi makeya wari wugaye, inyuma y’aho inyeshamba z’umuhari M23 urwanya igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo ufatiye igisagara ca Uvira, mu ntango za Kigarama (12) umwaka uheze.

    Igisagara ca Uvira mu ntara ya Kivu y'Epfo gihana urubibe n’akarere ka Gatumba k’intara ya Bujumbura, uruja n’uruza hagati y’ibi bisagara bibiri rukaba rukomeye, kubera abantu benshi n’ibidandazwa njabukambibe bitari bike bica kuri uno mupaka.

    Ifatwa rya Uvira ryabonwa nk’akaga kuri Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi. Mu nyuma M23 yahavuye irekura Uvira ku gitsure c’amakungu, cane cane Reta zunze Ubumwe za Amerika.

    Igihe uno mupaka wugururwa ejo ku wa mbere, nta ruja n'uruza runini rwahaboneka nk’uko vyari bimeze imbere y’uko umupaka wugarwa.

    Abahaboneka cane bari cane cane abagore n’abana bafise intekera ku mutwe, basubira iwabo inyuma y’amezi arenga abiri bari bamaze mu buhungiro mu Burundi.

    Mwavita Françoise, umwe muri aba bagore bariko basubira muri RD Congo, agira ati: “Twabonye vyinshi ariko turavyihanganira, ndashima Imana yatumye uyu mupaka wugururwa ngo nsubire iwacu”.

    Abandi bari mu munezero ni abatunzwe n’uruja n’uruza rwo kuri uwo mupaka, baba abasumira canke abunguruza abantu ku mpande zompi z’umupaka.

    Innocent Akimana arongoye ishirahamwe ry’abatwara imizigo bakoresheje udukinga tw’abagendana ubumuga, agira ati: “Ni ukuri ndaryohewe cane, ubuzima buca busubira kubandanya kuko bwari bwarahagaze. Twizere ko ibintu bigiye kugenda neza nk’aho ha mbere kuko twari tumerewe nabi”.

    Jean Paul Ndayarwanije, umushoferi, na we agira ati: “Twebwe nk’abashoferi twatwara abantu n’ibintu biciye mu ma-agences ntitwaronka abantu dutwara kuko imipaka yari yugaye. Igihombo cari kinini cane.

    “Nka twebwe abapangayi twari twirukanwe mu mazu y’abandi kuko nyen’inzu ntiyari kwemera ko uguma mu nzu yiwe utariha. Uyu musi ko akazi kagira gatangure, tugiye kandi kwiyungunganya, turondere ubuzi, turondere kandi uko dushobora gupanga, abana bongere kuryama heza”.

    Uno mupaka wuguruwe nyuma y’uko mu ntango z’ukwezi kwa mbere umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi yabwiye Abarundiko batokwitega ko umupaka wa Gatumba wari ugiye kwugururwa ubu vuba.

    ''I Buvira [Uvira] hugarwa nk'i Gasenyi, hugarwa nko ku Ruhwa [imbibe n'Urwanda]. Ntimuze muravuga ngo ejo nzoja i Buvira, gukora iki?”, ni ko Reverien Ndikuriyo yavuze mu kiganiro n’abanyamakuru ari imbere y'abanywanyi benshi b'umugambwe CNDD-FDD, hari ku wa 2 Nzero (1) 2026.

  6. Trump yahakanye inkuru ivuga ko umuyobozi mukuru w'igisirikare cya Amerika arwanya igitero kuri Irani

    Perezida wa Amerika, Donald Trump, ku mugoroba wo ku wa mbere - tariki ya 23 Gashyantare (2) , yahakanye amakuru avuga ko Jenerali Daniel Kane, uzwi ku izina rya "Razen", arwanya ibikorwa bya gisirikare kuri Irani.

    Mu butumwa yashyize ku mbuga nkoranyambaga , Perezida Trump yanditse ko ayo makuru ari "ibinyoma rwose"

    Yashimangiye ko Jenerali Kane, kimwe n'abandi basirikare bakuru, badashaka intambara, ariko iyo hafashwe icyemezo cyo gufata ingamba za gisirikare kuri Irani, yizera ko azatsinda intambara byoroshye.

    Bwana Trump yongeyeho ko Jenerali Kane azi neza Irani kuko yategetse Operation Midnight Hammer, ibitero by'indege Amerika yakoze muri Irani mu mpeshyi ishize.

    Nyuma y’icyo gitero, yavuze ko gahunda y'intwaro za kirimbuzi ya Irani "itazakomeza" kuko "yasenyutse burundu" nyuma y’ibitero by’indege za Amerika B-2.

    Perezida wa Amerika yise Jenerali Kane "intwari ikomeye" kandi avuga ko ahagarariye "igisirikare gikomeye kurusha ibindi ku isi."

    Trump yongeyeho ko umuyobozi w’ingabo za Amerika atigeze avuga ko ibijyanje n'ingamba zo kurwanya Irani cyangwa se ku bitero, kandi ko azayobora igikorwa cyo gutera Iran mugihe hatanzwe itegeko ryo kugaba igitero.

    Yashimangiye ariko ko icyemezo cya nyuma cyo gutangiza urugamba ari icye kandi ko yakwishimira kumvikana na Irani, ariko ko niba nta masezerano azagerwaho, "uwo munsi uzaba mubi cyane kuri icyo gihugu."

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Amerika: Ingendo z'indege zirenga 5,000 zahagaritswe kubera urubura

    Umuyaga ukomeye wibasiye inkombe z'iburasirazuba bwa Amerika kuri uyu wa mbere, uzana urubura rwinshi rwaciye agahigo mu mateka, bituma ubuzima bwa miliyoni z'abantu buhungabana ndetse ibihumbi by'ingendo z'indege bihagarikwa.

    Mu bice bimwe bya Rhode Island na Massachusetts, haguye urubura rungana hafi na santimetero 94, mu gihe muri Central Park ya New York City haguye urubura rurenga santimetero 48, nk'uko byatangajwe n'ikigo cy'igihugu gishinzwe ubumenyi bw'ikirere (National Weather Service).

    Ikigo cya leta ya New York gishinzwe umutekano cyaburiye abaturage ko ingendo ziri hafi yo kudashoboka na gato muri iyo leta.

    Inzu n'ibigo by'ubucuruzi birenga 600,000 ku nkombe z'iburasirazuba byabuze amashanyarazi, aho New Jersey na Massachusetts ari zo zagizweho ingaruka zikomeye kurusha izindi.

    Impanuro zo kwirinda inkubi y'urubura (winter storm warnings) zageze henshi kuva muri North Carolina kugera mu majyaruguru ya Maine, ndetse no mu bice bimwe byo mu burasirazuba bwa Canada.

  8. Imyaka ine irarangiye Uburusiya butanguje intambara yeruye kuri Ukraine, iherezo ryayo riracari kure nk'ukwezi

    Imyaka ine irarangiye Uburusiya butanguje intambara yeruye kuri Ukraine, hari ku wa 24 ruhuhuma (2) 2022, gushika ubu hakaba ata kimenyetso na kimwe cerekana ko yoba iriko irarangira nubwo hari utwigoro two kurondera kuyirangiza.

    Mu gihe Uburusiya bwatanguje iyi ntambara buzi ko mu misi urume rumara bwari kuba bwakubise hasi Ukraine, yahindutsemwo intambara y’akaga kabi umugabane wa Bulaya utari bwigere ubona kuva ku ntambara ya kabiri y’isi yose.

    Mu misi ya mbere y’iyi ntambara, ibisata bijejwe igendereza vy’Uburengero vyabona ko Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) yari kuba yafashwe mu kiringo kitarenga indwi imwe gusa, mbere na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya akaba yabona ko intambara yari kumara amayinga makeya gusa.

    Ariko gushika ubu, umugwa mukuru wayo uracari mu minwe y’ingabo za Ukraine. Igihe ingabo z’Uburusiya zawusugereza mu misi ya mbere, vyagiye kurangira zikuye akarenge inyuma y’uko zikubitiwe kw’ibarabara rya Bucha n’ingabo za Ukraine zarahira zikarengwa ko zitarekura.

    Intambara igitangura, ibihugu vy’uburengero vyihutiye kwemerera ubuhungiro Perezida Zelensky kuko bitibaza ko yashobora guhangana n’inguvu za gisirikare z’Uburusiya, ariko wewe yabasavye ahubwo ko bamushigikira, bakamuha ibikoresho kugira ngo yivune umwansi.

    Gushika ubu, ku mfashanyo yagiye ahabwa n’ibi bihugu vy’incuti za Ukraine, Zelensky aracahanganye na Putin bikomeye.

    Inyuma y’imisi, Uburusiya bwagiye gutangaza ko intego z'igitero cabwo hagati muri Ukraine bwamaze kuzishikako, kandi ko ivyo gufata Kyiv bitarimwo.

    Isabukuru y’imyaka ine iyi ntambara itanguye ibaye mu gihe aka kimenyetso na kimwe cerekana ko yoba yimirije kurangira, abatikira bakabandanya gutikira, ibisambuka bikabandanya bisambuka, utwigoro twose tukaba ataco turashikako.

    Igihe yiyamamariza ikiringo ciwe ca kabiri nk’umukuru w’igihugu, Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari yemereye abanywanyi biwe ko yari kuyihagarika mu masaha 24. Hagati aho, mu gihe ica gatanu c’ubutaka bwayo cigaruriwe n’Uburusiya, nta joro ryijana Ukraine idacucagiwe ibibombe, ariko ibandanya yihagararako.

    Inyuma y’imyaka ine, ibisagara bitari bike vyo mu buseruko no mu burengero bwa Ukraine, muri vyo harimwo nk’ivya Bakhmut, Toretsk na Vovchansk bisigaye ari umunyota.

    Ibice bitari bito vy’intara za Luhansk na Donetsk mu karere ka Donbas, hamwe n’intara za Zaporizhzhia, na Kherson, biri mu minwe y’ingabo z’Uburusiya.

    Kimwe mu bibazo bitumye utwigoro two kurondera amahoro ataco dushikako, harimwo ic’uko Uburusiya bushaka ko Ukraine ibuhebera izi ntara uko zakabaye, ikintu Kyiv itarota yemera.

    Ayandi makuru ku misi ya mbere y'iyi ntambara:

  9. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.