Igikombe c'isi (World Cup/Coupe du Monde) 2022: Ghana ivuga ko itegerezwa 'kwihora' Uruguay

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ghana iriteguye "kwihora" Uruguay inyuma y'itombora rya nijoro ryashize ibi bihugu mu murwi umwe mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi mu 2022 mu mupira w'amaguru.
Urukino hagati y'ibi bihugu mu murwi H, aho umurwi nserukiragihugu wa Ghana, Black Stars, uzohura kandi na Portugal hamwe na Korea y'Epfo, ruzokwibutsa urwabihuje mu gice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi ryo mu 2010.
Ghana yakuwe mw'ihiganwa na Uruguay ku ma penalties 4-2 muri iryo higanwa ryariko ribera muri Afrika y'Epfo, aho umusatirizi Asamoah Gyan yahushije penalty bari baronse ku munota wa nyuma wo muri ya minota y'agasunuzo (temps supplémentaire/extra-time) , inyuma y'aho Luis Suarez asamiye n'amaboko umupira wari ugiye kwinjira agaca ahabwa ikarata itukura.
Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Ghana, Kurt Okraku yabwiye BBC Sport Africa ati: "Twizeye ko kazoba ari akaryo ko kwihora".
"Twari twamaze kwizera ko twari dutsinze urwo rukino rutari rusanzwe iyo bitaba birya bintu vyakozwe na Suarez. Rero biraryoshe kubona dusubiye guhura, bitwibutsa vyinshi ubu.
"Ni ngombwa ko twerekana ukuri aho kuri".
Umusatirizi Suarez, ubu afise imyaka 35 akaba ari umusatirizi wa Atletico Madrid inyuma y'imyaka yamaze muri Liverpool na Barcelona, aracakinira umurwi nserukiragihugu wa Uruguay imaze gutahukana iki gikombe incuro zibiri, mu gihe Ghana yoyo ata gihamana kinini co kuba igifise umukinyi wayo n'umwe yayikiniye mu 2010, haraciye imyaka 12.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ico gihe, urwo rukino rwabaye umubabaro kuri Afrika yose no kuri Ghana yari yiteze kuba igihugu ca mbere muri Afrika cari kuba gishitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri iri higanwa ry'igikombe c'isi yose.
Mu bindi bihugu vya Afrika, Tunisia iri mu murwi umwe n'Ubufaransa busanzwe ari bwo bufise iki gikombe bwatahukanye mu 2018, nayo Cameroun ikaba iri kumwe na Brésil imaze gutsindira iki gikombe incuro zitanu zose.
Sénégal iherutse gutsindira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika iri mu murwi umwe na Qatar izokwakira iri higanwa, nayo Maroc ikaba iri kumwe n'Ububirigi buza ubugira kabiri ku rutonde rw'isi mu mupira w'amaguru.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iri higanwa rya FIFA ry'igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru ryitezwe gutangura ku wa 21 z'ukwa cumi na rimwe rirangire ku wa 18 z'ukwa cumi na kabiri uno mwaka.
Muri Afrika, ibihugu bitatu vyonyene nivyo bimaze gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma (Quarts de finale); Cameroun mu 1990, Sénégal mu 2002 hamwe rero na Ghana mu 2010, aho yari yiteze gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma iyo Suarez adakora iri kosa ry'agahomerabunwa.










