Manchester United: Cristiano Ronaldo avuga ko yasubiye mu ruhongore, akabikesha Sir Alex Ferguson

Abafana ba Man Utd bafise igishusho ca Cristiano Ronaldo igihe uyu murwi wahura na Wolves

Ahavuye isanamu, Getty Images

Cristiano Ronaldo yasubiye muri Manchester United inyuma y'imyaka irenga icumi ayivuyemwo, akaba aje ava muri Juventus yo mu Butaliyano yahora akinira.

United yatanze imiriyoni 15 z'ama euros - hamwe n'inyongera ishobora kuba igera ku miriyoni umunani - kuri uno mukinyi w'imyaka 36.

Ronaldo yateye igikumu ku masezerano y'imyaka ibiri yo gukina muri uno murwi wa Old Trafford, akaba mbere ahabwa n'akaryo ko gushobora kwongererezwa uwundi mwaka umwe.

Igihe yakinira ubwa mbere uyu murwi, Ronaldo, umukinyi yatahukanye agashmwe ka Ballon d'Or (umupira w'inzahabu) incuro zitanu, yinjije ibitsindo 118 mu nkino 292, imbere y'uko yimukira muri Real Madrid mu 2009, mu mwaka uheze naho akaba ari mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri Serie A, aho yijiirije Juventus ibitsindo 29.

Ronaldo ati: "Manchester United ni umurwi wamye ufise ikibanza kidasanzwe mu mutima wanje, kandi nararengewe n'ubutumwa bwinshi cane naronse kuva batangaje ko ngiye kugaruka".

"Ndindiranye igishika cinshi co gukira i Old Trafford, ngasubira kubona abafana buzuye ikibuga.

"Ndizeye gutangurana n'uyu murwi inyuma y'inkino mpuzamakungu, kandi ndizeye ko ibintu bizogenda neza muri uno mwaka dutanguye".

Ole Gunnar Solskjaer ati: "Biragoye kuronka amajambo wokoresha mu gusigura Cristiano. Uretse ko ari umukinyi w'igihangange, ni umuntu akomeye cane".

"Kugira ngo ushobore gukira ku rwego rwo hejuru mu gihe kirekire nk'iki cose bisaba ko uba uri umuntu adasanzwe".

"Nta nkeka mfise ko azobandanya kuvyifatamwo neza kandi ubuhinga bwiwe ni ngirakamaro ku bakinyi bakiri bato mu murwi".

Ronaldo yaravuzwe cane ko yari kwimukira muri Manchester City ariko yahisemwo gusubira muri United, aho yamaze imyaka itandatu yose agatsindira ihiganwa ry'Ubwongereza (Premier League) incuro zitatu, ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (UEFA Champions League), ibikombe bibiri vya League Cup/Coupe de la ligue, hamwe na kimwe ca FA - ndetse n'igikombe ca Coupe du monde des clubs de la FIFA/ FIFA Club World Cup hamwe na Community Shield - ico gihe umurwi ukaba wamenyerezwa na Sir Alex Ferguson.

Bivugwa ko yavuganye na Ferguson imbere y'uko asubira muri United.

Ronaldo ashobora kuba mu murwi uzokwakira Newcastle United ku wa 11 z'ukw'icenda.

Ronaldo yambara inomero indwi igihe yakina ubwa mbere muri United, ariko ubu iyo ifiswe na Edinson Cavani, kandi n'aho uyu musatirizi wa Uruguay yoshaka kuyimuha, amategeko ya Premier League ntiyemera kuguranya inomero mu gihe ihiganwa ryamaze gutangura kiretse ari igihe ata kundi vyogenda.