Chelsea: Roman Abramovich avuga ko agiye kugurisha uyu murwi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nyene umurwi wa Chelsea Roman Abramovich avuga ko ategura kuwugurisha.
Mw'itangazo ryacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Premier League (ihiganwa ry'Ubwongereza), uyu mugwizatunga Abramovich avuga ko vyabaye ngombwa ko afata "iyi ngingo itoroshe" kandi ko imubabaje.
Uyu Murusiya ntazorondera gusubizwa "ingurane izo ari zo zose yahaye uyu murwi" akavuga kandi ko ibizova mw'iri gurishwa bizofashishwa abazoba bagizweko ingaruka n'intambara.
Ku wa gatandatu, Abramovich yari yatangaje ko yagomba ashire mu minwe y'abajejwe ubugiraneza "uburongozi bw'uyu murwi" inyuma y'igitero Uburusiya bwakoze kuri Ukraine.
Ibi vyatumye haba abenshi babona ko Abramovich - yari yaguranye uyu murwi amafaranga y'Ubwongereza (Pound/£) arenga imiriyoni 1.5 - yashobora kugurisha uyu murwi, umutunzi ruhebwa Hansjorg Wyss akaba yabwiye ikinyamakuru Blick co mu Buswisi ejo ku wa gatatu ko ari mu bahawe amahirwe yo kugura uyu murwi.
Wyss avuga ko Abramovich ashaka "kwikurako Chelsea vuba bwango" inyuma y'aho bamwe mu nama nshingamateka y'Ubwongereza basabiye ko yofatirwa ibihano.
Abramovich w'imyaka 55 avugwa ko ari incuti ya hafi cane na Perezida Vladimir Putin, ivyo wewe ahakana.
BBC Sport yamenye ko Abramovich amaze kuronka abamwegera bamusaba kugura Chelsea kandi ko ashira uyu murwi ku kiguzi c'imiriyaridi zirenga zitatu z'ama-pound.
Mw'itangazo ryiwe, Abramovich avuga ati: "Namye mfata ingingo mfise ku mutima ineza y'uyu murwi.
"Muri iki gihe, nafashe rero ingingo yo kugurisha uyu murwi, kuko nibaza ko iyi ari yo neza nyamukuru y'umurwi, y'abafana, y'abakozi, hamwe kandi n'abasanzwe bayifata mu mugongo.
"Igurishwa ry'uyu murwi ntirizokwihutishwa, ariko rizokurikiza amategeko. Sinzohava nsaba ngo bansubize ingurane.
"Nategetse abantu banje gushiraho ishirahamwe ry'ubutabazi rizocishwamwo ibizova muri iri gurishwa kugira bifashishwe abo bizoba bigenewe. Iri shirahamwe rizofasha abagizweko ingaruka n'intambara yo muri Ukraine".
BBC Sport yamenye ko abajejwe ibikorwa vy'ubugiraneza muri uyo murwi batari bwemere kuwufata mu minwe, kandi ko batazohava basabwa kwakira aya mabanga. Abramovich yaraneguwe kubera mw'itangazo rya mbere ryo ku wa gatandatu atigeze ashiramwo ibijanye n'igitero c'Uburusiya muri Ukraine. Abakinyi ba Chelsea ntibamenyeshejwe imbere y'igihe ibijanye n'iri tangazo rishasha rya nyene umurwi, ryasohowe hasigaye ikiringo kiri musi y'isaha ngo uyu murwi uhure na Luton Town mu rukino rw'igice ca gatanu gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'igikombe ca FA.
N'aho mu ntango wabanje guterwa ibitsindo, uyu murwi wa Premier League warivyukiranije maze utahukana intsinzi ya 3-2 yawuhaye uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kane gishira ica nyuma.
Abramovich yaguze Chelsea mu 2003 ku miriyoni 140 z'ama-pound, mw'itangazo ryiwe akavuga ko atari yayiguze "ku nyungu z'urudandazwa canke z'amafaranga, ariko kubera ugukunda umukino n'umurwi".
Kubera iki Abramovich ahisemwo kuyigurisha?
Hari abandi batunzi b'Abarusiya bamaze gufatirwa ibihano n'Ubumwe bwa Bulaya aho amatungo yabo yafatiriwe.
Muri bo harimwo umutunzi ruhebwa Alisher Usmanov asanzwe afitaniye amasezerano y'ubucuruzi na Everton.
Reta y'Ubwongereza ntirafatira ibihano Abramovich canke Usmanov, ariko umushingamateka wo mu mugambwe w'Abakozi Chris Bryant yabwiye inama nshingamateka ku wa kabiri ko Abramovich yari afise "ubwoba bwinshi cane ko yahava afatirwa ibihano ari naco gituma agiye kugurisha inzu yiwe abamwo ejo [ku wa gatatu], co kimwe n'iyindi nzu yiwe".
Ejo ku wa gatatu, mu bibazo vyariko bibazwa umushikirangani wa mbere, umukuru w'umugambwe w'Abakozi Keir Starmer yabajije igituma Abramovich atari bwafatirwe ibihano, Boris Johnson akaba yishuye ko "atari vyiza kuvuga ku muntu uwo ari we wese muri uno mwanya".
Umuvugizi w'uwo mutunzi arahakana ibivugwa n'umukuru w'uyu mugambwe, akavuga ko Abramovich ata caha na kimwe yakoze cotuma ahanwa.
Wyss avuga kandi ati: "Abramovich ariko aragerageza kugurisha amazu yiwe yose mu Bwongereza, be no kwikurako Chelsea vuba bwango.
"Jewe n'abandi batatu twarahawe uburenganzira ku wa kabiri bwo kugurira Abramovich uyu murwi wa Chelsea".
Umuvugizi wa Abramovich yanse kugira ico ashikirije kuri ibi bivugwa.










