Barcelone yagenye Barjuan nk'umumenyereza mfatakibanza inyuma yo kwirukana Ronald Koeman

Umugwi wa Barcelone wagenye Sergi Barjuan mu kibanza c'umumenyereza mfatakibanza inyuma yo kwirukana Ronald Koeman.

Muri kino gihe, Barjuan asanzwe amenyereza umugwi B wa Barcelone, arerekanwa mu mugwi w'abakuze kuri kuri uyu wa kane na prezida w'umugwi Joan Laporta.

Umugwi wa Barcelone wavuze "ikiringo ciwe mfatakibanza nk'umumenyereza w'uwo mugwi kizorangira igihe uwo mugwi uzoba uronse uwundi mumenyereza."

Urukino rwa mbere rwa Barjuan ruzobera ku kibuga ca Barcelone aho bazotana mu mitwe na Alaves ku musi wa gatandatu, itariki 30 z'ukwezi kwa cumi.

Koam yakuwe mu mabanga yiwe inyuma y'urukino rwahuje Barcelone na Rayo Vallecano ku musi wa gatatu inyuma y'amezi 14 ashitse muri Barcelone.

Asize uwo mugwi uri mu kibanza c'icenda mw'ihiganwa ryo muri Espagne, urushwa amanota atandatu n'umukeba wawo ubu uri kw'isonga Real Madrid.

Barjuan yakina inyuma ku ruhande rw'ibubamfu inyuma yo kurangiza mw'ishure ryigisha umupira w'amaguru ry'uwo mugwi.

Uwo yahoze akinira umugwi nserukiragihugu wa Espagne yatwaye ibikombe bitatu vy'ihiganwa ryo muri ico gihugu akinira uwo mugwi.