Ronald Koeman: Barcelona yirukanye umumenyereza mukuru inyuma yo gutsindwa na Rayo Vallecano

Ronald Koeman yirukanywe mu kazi nk'umumenyereza mukuru wa Barcelone inyuma y'amezi 14 i Nou Camp.

Barca ifise amanota 15 yonyene mu nkino 10 mw'ihiganwa rya La Liga kandi imaze gutsindwa kabiri mu nkino zo gukuranamwo muri uyu mwaka w'inkino (saison) wa Champion's League

Ku rutonde iri mu kibanza c'icenda, ikaba irushwa amanota atandatu na zibiri zirongoye urwo rutonde inyuma yo gutsindwa na Rayo Vellecano ku wa gatatu.

Ryabaye irya gatatu Barca itsindwa mu nkino zine za vuba kandi vyabaye ku wa mungu naho yari yatsinzwe muri Clasico na Real Madrid.

Mw'itangazo, uwo mugwi wo muri Espagne wavuze uti: "Umukuru w'umugwi, Joan Laporta, yamumenyesheje [Koeman] iyo ngingo inyuma yo gutsindwa na Rayo Vallecano.

"Ronald Koeman aja gusezera abakinyi kuri uyu wa kane."

Uwo munya-Hollande w'imyaka 58, yakiniye igihugu, Everton na Southampton, , we na Barca ntibarenze ikibanza ca gatatu muri La Liga muri saison iheruka.

Ibibazo vy'amafaranga muri Barca navyo ntaco vyafashije Koeman, vyatumye Lionel Messi ava muri uwo mugwi akaja muri Paris St-Germain mu kwezi kw'umunani.

Barcelone ntiyashoboye kugura umukinyi n'umwe mushasha mu ci riheze, Memphis Depay, Sergio Aguero na Eric Garcia bakaba baje bataguzwe nawe rutahizamu Luuk de Jong aza nk'intizo avuye muri Seville.

Bamaze gutsindwa ku wa gatatu, Koeman yavuze ati: "Ibi bivuze ko tudahagaze neza".

"Umugwi nta reme ugira mu bakinyi, waratakaje abakinyi bakomeye, biri n'ico vyerekana. Iyindi migwi yagiye iriyubaka gusumba, twebwe si uko vyagenze, n'ivyo biri n'ico vyerekana."

Xavi, yabaye rurangiranwa muri uwo mugwi ubu akaba ari umumenyereza wa Al Sadd yo muri Qatar, ari mu bafise amahirwe menshi yo gusubirira Koeman.

N'ubwa mbere kuva mu kwezi kw'icenda mu 1987 Barca itsindirwa hanze gatatu yikurikiranya kandi itinjije - igihe vyashika bikaba vyari vyatumye umumenyereza w'umwongereza Terry Venables yirukanwa.

Koeman yaratahukanye igikombe ca Copa del Rey mu mwaka wiwe wa mbere ariko Barca yahejeje ari iya gatatu muri La Liga n'amanota ya mbere make kuva mu 2008.

Uwo yahora akinira Hollande mu kibanza c'inyuma hagati yakiniye Barca hagati ya 1989 na 1995, ayifasha gutsindira ibikombe bine vy'ihiganwa ryo muri Espagne hanyuma yinjiza igitsinfo cahaye intsinzi uwo mugwi mu gikombe ca Coupe d'Europe co mu 1992.

Yagarukanywe muri uwo mugwi mu kwezi kw'umunani mu 2020 nk'umumenyereza mukuru n'uwahoze ari umukuru wawo Josep Maria Bartomeu.

Ariko umukuru mushasha Laporta, yaravuze kenshi ko uwo mugabo atariwe yamushizeho.

Abo bagabo ntibabanye neza, gushika aho mu kwezi kw'icenda Koeman asohora itangazo avuga ko yohabwa umwanya wo gusubira kwubaka umugwi inyuma yo gutakaza Messi na mugenzi w'imbere Antoine Griezmann mu ci.

Inyuma yo gutsindwa na Real Madrid ku wa mungu, imodoka ya Koeman yarakikujwe na bamwe mu bafana ba Barcelone, Koeman mu nyuma akaba yabise "abantu batarezwe "

Ni iki kitagenze neza muri Barcelona?

Kimwe mu bikorwa vya Koeman nk'umumenyereza kwabaye guhamagara kuri terefone Luis Suarez bitarengeje ama sekunda 40 aho yabwira uwo mukinyi w'imbere aturuka muri Uruguay ko atagikenewe afise umwidegemvyo wo kuva muri uwo mugwi.

Iyo ngingo yari yafashwe n'uburongozi bw'umugwi kandi ubu birazwi ko vyavuye ku bibazo vy'amafaranga vyatumye bikura umukinyi w'imbere yari yatsinze ibitsindo 21 ku ncuro 29 yatanguye mu rukino muri saison yaheruka.

Barca yaciye itangura gutakaza inguvu kuva ku mugwi wahora uhiganwa mu ya mbere i Buraya gushika aho bitaworohera kuronka ikibanza muri Champions League.

Kuva ku murongo w'imbere ugizwe na Messi, Suarez na Griezmann ukaja k'uwugizwe na Depay, De Jong n'uwuriko arasaza Aguero vyerekana muri make akazi katoroshe Koeman yari afise, kandi n'uwugiye kumusubirira niko kamurindiriye.