Mikel Arteta yizeye ko Aubameyang yemeye kubandanya akinira Arsenal

Pierre-Emerick Aubameyang

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umumenyereza wa Arsenal, Mikel Arteta, afise icizere ko Pierre-Emerick Aubameyang "yagondojwe akemera kuguma muri uyo murwi" inyuma y'uruhara rukomeye yagize mu gutsinda Liverpool mu gikombe Community Shield.

Aubameyang, kizigenza w'uyu murwi akaba afise amasezerano na Arsenal azorangira mu ci riza, yinjije igitsindo giteye igomwe - imbere y'uko Takumi Minamino akigaruza.

Uru rukino rwa nijoro rwagiye kurangira iyi mirwi yompi inganya 1-1 biba ngombwa ko bayibangurukanya biciye kuri ya mipira itererwa ku metero 11, ariho Aubameyang yagiye kwinjiza igitsindo cahaye intsinzi Arsenal kuri 5-4.

Arteta yabwiye iradiyo BBC Radio 5 Live ati: "Ikikorwa canje ni ukumwumvisha ko ari mu kibanza nyaco mu mwanya nyawo".

"Nibaza ko ico twagishitseko, hasigaye gusa kubishira ku rukaratasi, ibi navyo bikaba bisaba akanya".

Haciye igihe Arsenal igerageza kugiriranira ayandi masezerano na Aubameyang.

Uyu musatirizi w'imyaka 31 akomoka muri Gabon amaze gutsinda ibitsindo 71 mu nkino 110 amaze gukinira uyu murwi kuva awushitsemwo mu kwa mbere 2018, aguzwe imiliyoni hafi 75 z'amadolari.

Ni kizigenza w'uyu murwi kuva mu kwa cumi na rimwe asubiriye Granit Xhaka.

Igitsindo ca nijoro yatsinze ku mupira yateye ari ku metero 20 cagize gatanu Aubameyang atsindiye ku kibuga ca Wembley.

Igihe Arsenal ihura na Manchester City mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'igikombe ca FA, Aubameyang yateye ibitsindo bibiri vyose muri urwo rukino rwarangiye uyu murwi wa Arteta wirahiye Man City 2-0.

Eka n'igihe Arsenal ihura na Chelsea mu gice ca nyuma ca FA (final), Aubameyang yarongeye atera ibindi bibiri muri uru rukino rwarangiye Arsenal itsinze Chelsea 2-1.

Abajijwe ibijanye na kazoza kiwe inyuma yo gutahana igikombe ca Community Shield, Aubameyang yavuze ati: "Tuzoraba muri ino minsi. Uno munsi ni ukwigina igikombe. Nta bindi".

"Turiko turatera imbere. Nivyo ko hakiri vyinshi vyo gukora, ariko dishimye rwose kandi ni igihe gishimishije co kuba umukinyi wa Arsenal".

Igihe yakina mu murwi Dortmund mw'ihiganwa ryo mu Budagi, Aubameyang yatsindiye ikirato c'inzahabu mu 2017.