Arsenal 2-0 Man U: Intsinzi ya mbere y'umumenyereza Mikel Arteta

Nicolas Pepe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku munota w'umunani, Nicolas Pepe yatsinze igitsindo ca mbere ca Arsenal

Mikel Arteta yaraye aronse intsinzi ya mbere kuva atanguye kumenyereza umurwi wa Arsenal mu rukino rwa nijoro rwari rugize gatatu akinishije uwo murwi kuva abaye umumenyereza wayo.

Muri urwo rukino, Manchester United, yatanguye neza, ariko ibintu bikaba vyaje guhinduka mu nyuma kuva ku munota w'umunani, aho Nicolas Pepe yatsinda igitsindo ca mbere ca Arsenal ku mupira yari ahawe na Sead Kolasinac.

Igice ca mbere cagiye kurangira biboneka ko Arsenal ariyo yiganziye cane umupira, ifise ibitsindo bibiri ku busa bwa Man U, kuko ku munota wa 42 , Sokratis Papastathopoulos yatsinze igitsindo ku mupira wari utewe na Pepe mu mfuruka z'ikibuga.

Arsenal yari imaze gukinira ku kibuga cayo inkino indwi zose ariko ata na rumwe ishobora gutsinda, aho vyaboneka ko yari ifise ingorane.

Kuva Arteta afashe uwo murwi mu minwe, biraboneka ko hari icahindutse kuva mu nkino zitatu amaze gukinisha, zibiri zose adashobora gutsinda, ivyatuma hari abibaza nimba koko ariwe mumenyereza yari akwiriye kumenyereza Arsenal.

Ku munsi wa Mungu uheze, Arsenal yatsindiwe ku kibuga cayo n'umurwi wa Chelsea, mu rukino abatari bake babona ko yari gushobora gutsinda. Mu nkino zibiri z'imbere y'aho, yanganije n'imirwi ya Everton hamwe na Bournemouth, ariko mu rukino rwa Everton akaba yari umurorerezi gusa.

Mu rukino rwa nijoro abakinyi ba Arsenal baraboneka ko bari bashashaye intsinzi imbere y'umurwi wa Manchester United.

Eka na Mezut Ozil yari agize iminsi atavyifatamwo neza yakinye n'ishaka ridasanzwe, akaba mbere ariwe yagize ibirometero vyinshi gusumba abandi bakinyi ba Arsenal muri urwo rukino, aho yagize ibirometero 11.54.

Mikel Arteta

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mikel Arteta yashimiye abafana urukino rurangiye kubona babandanije batera intege Arsenal

Mi gice ca kabiri ibintu ntivyoroshe kuri Arsenal kuko abakinyi ba Ole Gunnar Solskjær basatiriye bimwe biteye ubwoba Arsenal, ariko baravyifashemwo neza cane ntivyabagendera nk'ibiheruka igihe Chelsea ibakubita ibitsindo bibiri vyose mu minota indwi ya nyuma.

Manchester United yakinye ibuze umukinyi wayo ruremesha Paul Pogba, aboneka ko atorohewe kubera imvune imutumye amara amezi atatu yose adatanguzwa mu kibuga.

Urwo rukino ruheze, umumenyereza wa Manchester United yamenyesheje ko uyo mukinyi akomoka mu Bufaransa yakomeretse ku jisho ry'ikirenge bigashobora kumutuma amara ikiringo c'indwi hagati ya zitatu na zine adahonyoye mu kibuga.

Kuva mu mwaka wa 2017 inyuma y'imyaka ishika 20, Arsenal ntirigera isubira kurangiza ihiganwa iri muri zine za mbere, bikayituma idashobora gukina mw'ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Uefa Champions League).

Ibizigizi abakunzi bayo bari bafise mw'ihiganwa ry'umwaka uheze vyaje kuvamwo amarira aho mu rukino rwa nyuma rwa Europa League batsindiwe bikomeye na Chelsea 4-0. Uko gutsindwa kwarababaje cane abakunzi ba Arsenal kuko iyo ikaramuka itsinze urwo rukino iba iri muri Champions League.

Mu gihe hasigaye inkino 17 ngo ihiganwa ry'Ubwongereza rirangire, Arsenal izoshobora kurangiza iri muri zine za mbere mu gihe ubu iri mu kibanza ca cumi n'amanota 27 gusa?