Mesut Ozil na Sead Kolasinac ntibazokina igihe Newcastle yizoba akira Arsenal kubera ikibazo c’umutekano

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mesut Ozil na Sead Kolasinac ntibari ku rutonde rw'abakinyi ba Arsenal bazoja guhura na Newcastle ejo ku munsi wa Mungu kubera "ibibazo vy'umutekano wabo".
Abo bakinyi bompi baherutse guterwa n'akarwi nk'inkozi z'ikibi zahatswe kunyuruza amamodoka yabo, mu ndwi zibiri ziheze, mu buraruko bw'igisagara ca Londres.
Arsenal ivuga ko yashikirije igipolisi ico kibazo kandi "ko ibandanya ifata mu mugongo abo bakinyi n'imiryango yabo".
Iti: "Umutekano w'abakinyi n'imiryango yabo, nico gikorwa kiza imbere ya vyose".
"Twafashe iyi ngingo inyuma y'aho tuvuganiye nabo hamwe n'ababaserukira".
"Twibaza ko vuba bwango tuzoba turi kumwe nabo mu murwi".
Igipolisi kivuga ko kiriko kirakora amatohoza ku vyabaye.
Mw'itangazo casohoye, kivuga ko kiriko "kivugana na Arsenal kandi ko kizokora amatohoza ku bukozi bw'ikibi bwose bwashikirijwe".
Hampande y'ivyo, ihiganwa ry'Ubwongerezwa Premier League ryaraye ritanguye icese, aho umurwi wa Liverpool waraye ukosoye umurwi wa Norwich.
Hampande ya kizigenza wa Norwich Grant Hanley yiyinjije igitsindo ca mbere ca Liverpool ku munota w'indwi, Mohamed Salah, Virgil van Dijk, na Divock Origi babandanije bereka uwo murwi winjiye muri Premier League uvuye mu cicaro ca kabiri ko ibintu bitoroshe mu Bwongereza.

Ahavuye isanamu, Rex Features
Liverpool yarangije igikorwa mu gice ca mbere gusa, cagiye kurangira ifise ibitsindo bine ku busa bw'umurwi Norwich, n'aho yabandanije isatira ariko biranka ko ironka ikindi.
Norwich yoyo yarinanase iraronka igitsindo kimwe rudende ku munota wa 64, urukino rurangira ari bine vya Liverpool kuri kimwe ca Norwich.
Uno munsi ku wa gatandatu, hategekanijwe inkino zitandatu ziza gutangura isaha indwi n'igice ku masaha y'Uburundi n'u Rwanda, ku rukino ruza guhuza West Ham United iza kwakira Manchester City yatsindiye ihiganwa ry'umwaka uheze.
Ejo ku wa Mungu, hampande ya Arsenal irindiriwe n'igishika cinshi kugira yerekane inguvu zayo aho zigera mu gihe izoramuka yakirwa na Newcastle, urundi rukino rurindiriwe cane ruzohuza Manchester United na Chelsea i Old Trafford isaha cumi n'imwe n'igice (17h30) mu masaha y'Uburundi nu Rwanda.










