Umutoza w’Intamba ati, 'Tugize Imana tukagaruka tuzoba turi abandi'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikipe y'Intamba mu Rugamba yasezerewe mu gikombe cy'Afurika itsinzwe imikino yose itanatsinze igitego kimwe, umutoza wayo akaba yabwiye BBC ko ari isomo rikomeye babonye.
Intamba ni ubwa mbere zari zigeze mu mikino y'igikombe cy'Afurika, zikaba zasezerewe zitsinzwe imikino itatu nta n'igitego zinjije ku makipe bahuye.
Umukino wa gatatu ari nawo wanyuma mu itsinda B, Intamba z'u Burundi zawukinnye ejo ku cyumweru na Guinea, nayo yashakaga gutsinda ngo itegereze ikiba hagati ya Madagascar na Nigeria.
Ku munota wa 12 gusa, myugariro Christophe Nduwarugira w'Intamba yahawe ikarita itukura ku ikosa ryo gukina nabi, biba urucantege ku Ntamba.
Ku munota wa 25, Mohamed Yattara yatsinze igitego cya mbere cya Syli Nationale nyuma yo guhagarara nabi kwa ba myugariro b'u Burundi.
Guinea yarutaga umubare Intamba, yakomeje gusatira no kwiharira umupira nubwo ikipe y'u Burundi nayo yanyuzagamo igasatira.
Ku munota wa 52, Mohamed Yattara yatsinze igitego cya kabiri umukino urinda urangira Intamba zitabashije kureba mu izamu.
Muri iri tsinda, ikipe ya Madagascar yakoze ibyo bamwe bafashe nk'ibitangaza, itsinda Nigeria bibiri ku busa izamuka muri iri tsinda ari iya mbere.
Madagascar, ni ubwa mbere igeze mu mikino ya nyuma y'igikombe cy'Afurika.
Niyungeko akuyeyo isomo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aganirira mu Misiri n'umunyamakuru wa BBC Robert Patrick Misigaro,Olivier Niyungeko utoza Intamba mu Rugamba yavuze ko ku mukino w'ejo, ikarita itukura Nduwarugira yahawe yabaciye intege, ibi bikaba mu byatumye batsindwa.
Kuba bavuyemo nta mukino n'umwe batsinze cyangwa banganyije yavuze ko ari isomo rikomeye.
Niyungeko ati: "Inyigisho nkuyemo ni uko izi nkino zisaba umwanya muremure. Ni isomo turonse, tugiye gutegura bushasha, nitwagira Imana tukagaruka tuzoba twabaye abandi".










