U Burundi bugiye guhura na Nigeria muri CAN2019, abakinyi ngo baratekanye

Saido Berahino n'umutoza Olivier Niyungeko nyuma y'imyitozo i Alexandria bavuze ko biteguye neza

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Saido Berahino n'umutoza Olivier Niyungeko nyuma y'imyitozo i Alexandria bavuze ko biteguye neza

Robert Patrick Misigaro, BBC.

Ikipe nserukiragihugu y'u Burundi, Intamba Mu Rugamba, ejo kuwa gatandatu izokina na Nigeria mu rukino rwayo rwa mbere rw'igikombe ca Afrika 2019, abayigize bavuga nta bwoba bafitiye ico gihangange mu mupira w'amaguru.

Mu zuba rimena imbwa agahanga kuri Alexandria Stadium mu muji wa Alexandria mu Misiri, umumenyereza w'Intamba ahejeje kugenzura ikibuga zizokinirako na Nigeria, yemeza ko ata bwoba bafise.

Olivier Niyungeko yabwiye BBC ko ica nkenerwa ari uko Abarundi benewabo babafata mu mugongo aho bari hose, naho batoshika i Alexandria.

Yagize ati: "Nka kurya bamenyereye gushigikira umurwi wabo w'Intamba Mu Rugamba, twobasaba ko babandanya badushigikira aho bari hose, kuko iyo umuntu ashigikiwe aravyiyumvamwo agakora cane.

"Twaje ngaha kuduza ibendera ry'igihugu cacu kandi abakinyi baravyumva, hasigaye ko umuntu wese yumva ko ari Umurundi avuga ati 'ndashigikiye Intamba Mu Rugamba'".

Abajijwe niba ikibazo c'ubushuhe bose bikugura ata ngorane kibateye, bwana Niyungeko yavuze ko abona ivyo gukina mu ma saa kumi bobireka bagakina ku kagoroba izuba ritanguye kurenga, kanatsinda ngo amatara arahari ku bibuga ngo rero ntabona igituma batobigenza uko.

Saido Berahino afatiye runini Intamba

Kizigenza w'Intamba Mu Rugamba, Saido Berahino, yatanguye gukinira iyi kipe igaca inaronka itike yayo ya mbere yo kuja muri iri higanwa, ari mu bakinyi bazeweko vyinshi.

Kiretse ko ari muri bake bamaze gukina mu mahiganwa akomeye, nk'ihiganwa ryo mu Bwongereza Premier League, ni nawe azwi cane ku rwego mpuzamakungu.

Yavuze ko ari amahirwe adasanzwe kuba akinira ikipe y'igihugu ciwe, ibintu yamye yipfuza kuva kera.

Niyungeko na Berahino babwiye abanyamakuru ko biteguye neza iri rushanwa

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Niyungeko na Berahino babwiye abanyamakuru ko biteguye neza iri rushanwa

Agira ati: "Naragize amahirwe yo gukina mu Bwongereza kandi vyarahinduye ubuzima bwanje. Ariko nk'uko namye ndabivuga, u Burundi niko gataka kanje, namye nshaka gukinira u Burundi.

"Kuba noneho ndi na kapitene w'u Burundi mw'ihiganwa rikomeye nk'iri ni iteka rihambaye kuri jewe."

Nigeria ni iyo kwitondera

Naho icizere ari cose, u Burundi ntibworohewe na gato kuko Nigeria atari ikipe yo gupfa guta mu ndasa.

Imaze kuja muri iri higanwa inshuro nyinshi mbere iranaritwara, eka mbere ikaba imaze no guserukira Afrika mu gikombe c'isi.

Ariko naho biri uko, umumenyereza wa Nigeria, Gernot Rohr, avuga ko adashobora gufata minenerwe ikipe y'u Burundi naho ari ubwa mbere igiye mw'ihiganwa rikomeye nk'iri.

Umutoza Gernot Rohr na John Obi Mikel kizigenza wa Nigeria bavuze ko biteguye cane Uburundi

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Umutoza Gernot Rohr na John Obi Mikel kizigenza wa Nigeria bavuze ko biteguye cane u Burundi

Bwana Rohr yagize ati: "Twiteguriye u Burundi nk'uko twitegurira ikipe iyo ari yo yose. Twitegurana ukwicisha bugufi, ata gukengera uwo tuza gukina nawe.

"U Burundi ni ikipe itigeze itsindwa mu nkino zose zo guhiganirwa itike yo kuza muri iki gikombe. Yaba Gabon, yaba Mali, nta n'imwe yigeze ishobora gutsinda iyi kipe y'u Burundi.

"Twarabaravye kuri za video, turabaraba kandi mu rukino rwa nyuma rwo kwitegura, aho bari banganije na Tuniziya ikaza gutsinda mu minota yanyuma."

U Burundi buri mu mugwi B kumwe n'amakipe ya Nigeria, Madagascar na Guinea.

Urukino rwa mbere ni kuwa gatandatu itariki 22/06/2019 igihe c'isaha 19h00.

Ushaka kumenye imigwi amakipe arimwo, amanota aronka hame n'uko atsindana ushobra kuja ngaha